Uko wahagera

Ababuranira "Abahatswe Guhirika Ubutegetsi bwa Kongo Bavuga ko Bahohotewe"


Bamwe mu bagirizwa guhakwa guhirika ubutegetsi bwa Kongo
Bamwe mu bagirizwa guhakwa guhirika ubutegetsi bwa Kongo

Muri Kongo, urubanza rw’abantu bagirizwa kuba baragize uruhara mu guhakwa guhirika ubutegetsi bwa Prezida Félix Tshisekedi wa Kongo uno munsi ku wa kabiri rwabandanije.

Ababuranira abagera kuri 51 barimwo abagore bane babwiye sentare ya gisirikare ya Kinshasa-Gombe, iriko iburanisha uru rubanza gutesha agaciro ibiri mu nyandiko zakorewe mw’iperereza rya Kongo, abo baburanira bagifatwa.

Uwuburanira Taylor Christian Thomson, Umunyamerika w’imyaka 21 ari muri ino dosiye, yasiguye ko uwo yunganira, yabajijwe mu rurimi rw’igifaransa atavuga, kandi atawe afise amusigurira ivyo ariko arabazwa. Biri uko no ku bandi banyamerika babiri basangiye urubanza na Taylor.

Me Karl Kwatangholo ari mu bafashe amajambo, yabandanije kuvuga ko uwo yunganira agifatwa, yahohotewe, abasirikare bamufashe bamufata amasanamu atambaye, bayakwiragiza ku mbuga ngurukanabumenyi gutyo baba bamwambuye agateka kiwe.

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch, naryo nyene ryemeza ko abafashwe bagirizwa guhakwa gutembagaza ubutegetsi bwa Kongo bahohotewe.

Ivyaha baburana biregurako birimwo iterabwoba, gutanga amahera yo gushigikira iterabwoba, guhakwa kugandagura umukuru w’igihugu, gutunga ibirwanisho batabifitiye uruhusha, no kwifatanya n’abagizi ba nabi. Mu rubanza rw’uno munsi, sentare ya gisirikare Kinshasa-Gombe yibukije ko ibi vyaha bihanishwa igihano c’urupfu.

Forum

XS
SM
MD
LG