Uko wahagera

Abanya-Ukraine Barahunguka Ku Bwinshi Kubera Urukumbuzi


 Impunzi z’AbanyaUkraine zishika ku miriyoni zitandatu n’ibihumbi 500 zahungiye mu bihugu bitandukanye.
Impunzi z’AbanyaUkraine zishika ku miriyoni zitandatu n’ibihumbi 500 zahungiye mu bihugu bitandukanye.

AbanyaUkraine bari barahunze barabandanya gutahuka kubera gukumbura igihugu cabo naho intambara itararangira.

Ibiharuro bishikirizwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, vyerekana ko hari impunzi z’AbanyaUkraine zishika ku miriyoni zitandatu n’ibihumbi 500 zahungiye mu bihugu bitandukanye.

Mu cegeranyo cayo, ONU ivuga ko benshi muri izo mpunzi, bafise ivyipfuzo vyo gusubira mu gihugu cabo. Umwe muri izo mpunzi zatashe ni Daria Fritch-Alchina. Uyu ni umuvyeyi w’umwana w’umukobwa muto yavuye muri Ukraine afise agasakoshi kamwe hamwe n’akandi gatoya, twarimwo utuntu duke tw’umwana.

Avuga ko ivyo bintu ari vyo vyonyene yahunganye mu mwaka wa 2022, igihe yava mu gisagara ca Mykolaiv yavukiyemwo. Ico gihe umwana wiwe yari afise amezi atandatu gusa.

Agira ati: “Nashaka kuguma imuhira, ariko ibisasu vyaturikiye iruhanda y’inzu yacu, amadirisha arameneka, bintera ubwoba bwinshi, nca mfata ingingo yo kwomoka.

Fritch-Alchina avuga ko yari yizeye yuko ubwo buhungiro azobumaramwo indwi zibiri zonyene, ariko yamazeyo umwaka. Yahavuye afata ingingo yo gutahuka, inyuma y’aho igisagara ca Kherson, kiri hafi y’aho yahungiye, kibohorewe.

Uwundi muvyeyi yahungutse ni Tetiana Myroshnichenko aturuka mu karere ka Ivankiv mu ntara ya Kiev.

Na we yari yahunganye n’umwana wiwe muto w’umukobwa Ivanka, aja mu gihugu ca Bulgariya mu kiringo c’amezi atandatu. Yamara avuga ko naho umukoresha wiwe yamwemereye kubandanya akorera imuhira, umushahara wiwe wagabanijwe, ubuzima buca burabagora. Avuga kandi ko umwana wiwe yabuze ishure kubera aho yahungiye, amashure yari yuzuye.

Naho abo bavyeyi bari mu babandanya guhunguka kubera ugukumbura igihugu cabo, mu kiganiro n’Ijwi rya Amerika, bavuga ko mu gihe bosubira kugira amakenga y’ibitero vy’igihugu c’Uburusiya bazoca basubira guhunga.

Forum

XS
SM
MD
LG