Uko wahagera

Burkina Faso: Abarwanyi Bakorana na Al Qaeda Bigamvye Igitero Cahitanye Abasirikare 107


Zimwe mu ngabo za Burkina Faso
Zimwe mu ngabo za Burkina Faso

Abarwanyi b’ishami ry’intagondwa z’umurwi wa Al Qaeda wiyitirira idini rya Isiramu ryitwa, Jama'a Nusrat ul-Islam wa al-Muslimin, bigamvye igitero bemeza ko cahitanye abasirikare ba Burkina Faso 107.

Ishirahamwe nyamerika, SITE Intelligence Group, rikurikiranira hagufi amakuru ajanye n’imirwi y’iterabwoba rivuga ko ico gitero Jama'a Nusrat ul-Islam wa al-Muslimin yakigavye ku wa kabiri w’indwi iheze mu karere kitwa Mansila, kegeranye n’umupaka Burkina Faso ihana na Nijeri.

Ishirahamwe nyamerika, SITE Intelligence Group ribandanya kuvuga ko abarwanyi ba Jama'a Nusrat ul-Islam wa al-Muslimin, bigaruriye ako karere ka Mansila.

Reta iramutswa abasirikare batembagaje ubutegetsi muri Burkina Faso, yanse kugira ico ivuze kuri ano makuru yagiye ahabona uno munsi ku wa Mungu.

Aya makuru asohotse mu gihe mu ndwi iheze hari amavidewo yahanahanywe ku mbuga ngurukanabumenyi, yerekana ikambi ya gisirikare yo mu karere kavugwamwo ico gitero ikikujwe n’abarwanyi hamwe n’ibisasu biremereye.

Muri ayo masanamu, harimwo kandi ayerekana abasirikare indwi ba Burkina Faso bafashwe bugwati n’abarwanyi. Itorokanirizo ry’amakuru y’abongereza, Reuters, dukesha ino nkuru ntiryabashije kugenzura niba koko abarwanyi bari muri izo videwo ari abagavye igitero co mundwi iheze.

Ibitigiri vy’abasirikare ba Burkina Faso boba baraguye muri ico gitero bikaramuka vyemejwe, iki gitero kizoba kiri mu bihitanye abasirikare benshi muri ako karere kageramiwe n’imirwi y’iterabwoba irimwo iyishamikiye kuri al Qaeda na Islamic State. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG