Uko wahagera

USA: Abantu 9 Barimwo Abana Bakomerekeye mu Gitero c'Uwitwaje Inkoho muri Michigan


Ahabereye igitero
Ahabereye igitero

Polisi ya reta ya Michigan iri mu majaruguru ya Amerika itangaza ko umuntu yitwaje inkoho yaraye arashe abantu icenda barimwo abana babiri.

Inyuma yo kurasa abo bantu icenda abasanze muri parike iri mu gisagara ca Detroit, uwo mugabo yinyabije mu muhana uri mu micungararo y’iyo parike, polisi imaze kuhakizura, aca ariyica yirashe.

Uretse we yahaguye, nta n’umwe mu bo yarashe yahasize ubuzima. Abana babiri bari mu barashwe bavukana. Uwufise imyaka umunani yamurashe mu mutwe kandi araremvye. Mutoyab wiwe w’imyaka 4, ari mu bitaro ariko ntaremvye cane. Nyina wabo, ari hagati y’urupfu n’ubuzima nkuko abajejwe umutekano babandanya kubivuga.

Abasigaye bakozweko n’amasasu y’uwo mugabo, bose barengeje imyaka 30, kandi nta n’umwe aremvye.

Polisi ya Michigan ibandanya kuvuga ko uwo mugabo itatangaje amazina yari afise imyaka 42. Icamuteye kumijagura amasasu mu bantu bari bibereye mu munezero wo muri parike ntikiramenyekana.

Amasasu yamijaguye mu bantu yarenga 30. Buramatari wa reta ya Michigan, Gretchen Whitmer, abicishije ku rubuga rwa X yise ino nkuru iy’inamutima. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG