Uko wahagera

Muhamed Bazoum Yahoze Ari Perezida wa Nijeri Ashobora Gukurikiranwa na Sentare


Muri Nigeri, sentare y’igihugu yambuye Muhamed Bazoum uburenganzira bwo kudakwirikiranwa n’ubutungane

Iyo ngingo yo kwambura Prezida Mohamed Bazoum yari yatowe n’abanyagihugu, uburenganzira bwo kudakwirikiranwa n’ubutungane, ishikirijwe inyuma y’ikiringo c’umwaka, akuwe ku butegetsi n’akagwi k’abasirikare.

Iyo ngingo ihaye uburenganzira abasirikare batwara ico gihugu, bwo kumukwirikirana mu butungane ku birego yagirizwa vyo guhemukira igihugu, nk’uko biangazwa n’umwe mu bamuranira.

Barzoum hamwe n’umuryango wiwe bapfunzwe icamaso kuva abasirikare batembagaje ubutegetsi bwiwe, muri kudeta mu ci riheze.

Abo basirikare barongoye igihugu baramaze gutangaza ko bazomukwirikirana mu butungane kubera ibrego bamwagiriza vyo guhemukira igihugu hamwe no kudurumbanya umutekano w’igihugu.

Imigmbi yo kumukurako uburenganzira bwo kudakwirikiranwa n’ubutuangane yatanguye mu mwaka uheze muri sentare nshasha, yatunganijwe, air na yo yahavuye ihinduka sentare nkuru y’igihugu.

Ibikorwa vyose vyabereye muri iyo senare nkuru y’igihugu, vyaranzwe n’ihonyangwa ry’amategeko, ririmo kwima uburenganzira Bazoum bwo kwiregura, kumwankira kuvugana n’abamuburanira hamwe no kumwankira kwumvirizwa na sentare yigenga, nk’uko bishikirizwa n’ishirahamwe riharanira agateka ka zina munut, Human Rights Watch.

Umushingwamanza wa Bazoum, Reed Brody yanebaguye iyo ngingo ya sentare nkuru y’igihugu. Yagize ati: Iyo ngingo iratukishije ubutungane bwa Niger: Ati ntitwigeze duhabwa n’uburenganzira bwo kuvugana n’uwo tuburanira. Ati iyo ningo iratukishije ubutungane.

Mu mwaka uheze, sentare nkuru yo mw’ishirhamwe ry’ubutunzi ryo mu bihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, ECOWAS, yaratangaje ko Bazoom n’umuryango wiwe bapfunzwe mu buryo buteye kubiri n’amategeko, yongera isaba ko asubizwa ku butegetsi.

Forum

XS
SM
MD
LG