Uko wahagera

Kenya Yashikirije Integuro y’Amafaranga Igihugu Kizokoresha Mu 2024-25


Njuguna Ndung'u, umushikirananji ajejwe ubutunzi wa Kenya
Njuguna Ndung'u, umushikirananji ajejwe ubutunzi wa Kenya

Amafaranga igihugu ca Kenya gitegekanya gukoresha muri uyu mwaka, arimwo igihombo kingana n’ibice 3 kw'ijana. Muri iki gihe igihugu ca Kenya kiriko kiragerageza gukingira ubutunzi bwariko burisununura.

Ayo mafaranga yateguwe hisunzwe umugambi wo gutorera inyishu ikibazo c’imyenda y’igihugu, hamwe no gukingira ubutunzi buriko burisununura.

Muri iki kiringo c’umwaka w’2024 n’2005, vyitezwe ko ubutunzi bwa Kenya bwiyongera incuro 5.5 kw'ijana, nk’uko bitangazwa n’umushikirananji ajejwe ubutunzi, Njuguna Ndung'u.

Igihe yariko arashikiriza integuro y’amafaranga igihugu kizokoresha, Ndung'u yavuze ko vyitezwe kw’uruhombo, igihugu kizogira muri ico kiringo, rushobora kugera ku bice 3.30 kw'ijana, agereranije n’uko rwangana mu kiringo co mu mu 2023- 2024, aho rwagera ku bice 5.7.

Ndung'u yavuze ko ubutunzi bwa Kenya bwagiye buronerwa n’ibiza vy’ingwara zitandukanye, ihindagurika ry’ibihe hamwe n’imyuzure, mu kiringo giheze.

Yavuze ko imigambi y’ubutunzi yatunganijwe na reta, yatumye ubuzima butabandanya kuzimba, yongera ituma ubutunzi bw’igihugu, bwiyongera mu buryo buboneka.

Forum

XS
SM
MD
LG