Uko wahagera

Burundi: Abajejwe Agateka k’Imfungwa Basaba ko Amagara Yazo Yokwitabwaho Kurusha


Kuri uyu wa kabiri n’uwa gatatu w’iyi ndwi, abagabo babiri bari bapfunzwe ivy’agateganyo mw’ibohero rya parake i Makamba, baritavye Imana.

Uwa mbere yipfiriye mu gasho. Uwa kabiri nawe mu gipolisi bavuga ko yitabivye Imana ari mu bitaro bikuru vy’i Makamba. Abaharanira agateka k’abapfunzwe basaba ababijejwe kwitaho kurusha amagara y’abapfunzwe.

Abagabo babiri bari bapfungiwe ivy’agateganyo mu gasho ka parake ya Makamba, baritavye Imana kuri uyu wa kabiri n’uwa gatatu w’iyi ndwi turimwo.

Ishirahamwe “Ntabariza” riharanira agateka k’abanyororo risaba abajejwe amabohero kwitaho amagara y’abo papgungwa kuko iyo bitavye imana bivuye ku kutitaho amagara yabo, aribo babibazwa.

Isoko zacu zizewe zatumenyesheje ko umupfungwa wa mbere yitavye Imana ku wa kabiri igenekerezo rya 11 z’uku kwa gatandatu. Yari yahagaritswe bivuye ku matati y’amatongo, aho yaba i Nyakazi, zone Bukeye, komine Kibago i Makamba.

Mu butumwa bwagiye burahererekanwa ku mbugahwaniro za Whatsapp, igipolisi kivuga ko uwo mugabo yapfiriye mu gasho ka parake ya Makamba, kandi ko yahitanywe n’urw’akarago.

Bavuga kandi ko uwo mupfungwa yari amaze ukwezi muri ako gasho yaratezuriwe, ariko ko yari akirindiriye uruhusha rwo gusohoka agasho.

Bukeye mu gatondo k’uyu wa gatatu, abavyeyi b’uwundi mupfungwa yari yashikanywe muri ako gasho nyene ku w’Imana igenekerezo rya 9, babikiwe ko umwana wabo yitavye Imana.

Uwo yari yapfungishijwe n’umuvyeyi wiwe nk’uko wenyene avyiyemerera. Ababanyi biwe twasanze ku rugo rw’uwo muhisi ku Gatwenzi ka Makamba.

Umuvyeyi wa nyakwigendera aremeza ko umwana wiwe yari asanganywe indwara, ariko ko baherukanye ku wa mbere mu gasho, akomeye

Uwo muvyeyi mbere yariko aritegura ko yoja kumurekuza ariko mu gaturuturu k’uyu wa gatatu, yagiye yumva bamubikira ko umwana wiwe yitavye Imana.

Abagiye kumuraba bamusanze mu buruhukiro bw’abitavye Imana kandi n’ubwo mu gipolisi bemeza ko yitabiye Imana mu bitaro ariko aravurwa, nta fagitire y’imiti bamuhaye canke iy’icumba bamuryamitsemwo.

Umwe mu bamaze gupfungirwa muri ako gasho Ijwi rya Amerika ryaramwegereye riramubaza ukugene ubuzima bw’abapfungiwe muri iryo bohero bwifashe na we yigana agira ati: “Agasho kabi ni agasho ka komine na parake vya Makamba. Utagira uwugukwirikirana urapfa kuko usanga abahapfungiwe bafashwe nabi. Iyo barwaye barabura uwubakwirikirana n’ayo mashirahamwe aharanira agateka k’abapfunzwe hari igihe bataza, aho bishika no gupfa ugapfa!"

Mw’ishirahamwe “Ntabariza” riharanira agateka k’abapfunzwe n’imiryango yabo, Nshimirimana Jean Marie arirongoye arababazwa n’impfu nk’izo kuko agateka k’umunyororo kaba katubahirijwe.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:21 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG