Uko wahagera

Afurika y'Epfo: Imigambwe Iriko Irihweza Uburyo bwo Gutunganya Reta y’Ubumwe


Perezida Cyril Ramaphosa arongoye ANC ashaka kugirana ibiganiro n'indongozi z'imigambwe batavuga rumwe kugira bihweze uburyo bwo gutunganya reta y’ubumwe muri iki gihe ikiringo ca nyuma co gutora umukuru w’igihugu cegereje.
Perezida Cyril Ramaphosa arongoye ANC ashaka kugirana ibiganiro n'indongozi z'imigambwe batavuga rumwe kugira bihweze uburyo bwo gutunganya reta y’ubumwe muri iki gihe ikiringo ca nyuma co gutora umukuru w’igihugu cegereje.

Abashingamateka bo muri Afurika y'Epfo bategegekanya gutora umukuru w’ighugu ejo ku musi wa gatanu, inyuma y’aho barangije igikorwa co kurahira mu mabanga yabo. Ejo rero ni ho bazoshikiriza icese reta y’ubumwe yateguwe n’umugambwe uri ku butegetsi ANC, inyuma y’aho utakaje ubwa mbere kuva mu mwka w’1994, ibibanza mu nama nshingamateka.

Bitegekanijwe kandi kw’abashingamateka batora umukuru w’inama nshingamateka mushasha hamwe n’icegera ciwe. Ivyo bica mu biganiro n’umwumvikano bigize imisi biba hagatgi y’umugambwe uri ku butegetsi n’imigamnwe itavuga rumwe na wo: Ibiganiro vyatanguye, kuva aho ivyavuye mu matora bishikirijwe, mu ndwi zibiri ziheze.

Iyo migambwe iri mu biganiro ifise ikiringo ca nyuma c’uyu musi ku wa kane co kurahiza abashingamaetkamateka bashasha, yongere itore umukuru w’igihugu mu kiringo c’imisi kitenga imis14 kuva ,ivyavuye mu maatora bitangajwe, nk’uko ibwirizwa nshingiro ribivuga.

Umugambwe ANC waronse amajwi 40% mu matora yabayemwo amahinyu, ukurikirwa n’umuambwe Democratic Alliance waronse amajwi 21%. Ikibanza ca gatu catwawe n’umugambwe mushasha uMkhonto weSizwe, waronse amajwi 15%.

Forum

XS
SM
MD
LG