Uko wahagera

Malawi: Igisirikare Kivuga ko Indege Yarimwo Visi Prezida Ishobora Kuba Yakoze Impanuka


Visi prezida w’ico gihugu, Saulos Klaus Chilima
Visi prezida w’ico gihugu, Saulos Klaus Chilima

Igisirikare ca Malawi catangaje ko indege yarimwo visi prezida w’ico gihugu, Saulos Klaus Chilima, n’abandi bantu icenda ishobora kuba yakorokeye mu kibira citwa Chikangawa, kiri mu buraruko bwa Malawi.

Paul Valentino Phiri atwara igisirikare ca Malawi yabwiye abameneyshamakuru ko ibikorwa vyo gutabara abari muri iyo ndege, no gutora neza aho yakorokeye, vyabangamiwe n’ibipfungu bivanze n’ikirere kibi, vyatuma abariko barayirondera batabona neza ku butaka

Indege ya gisirikare yarimwo Saulos Klaus Chilima yazimiye mu gatondo ko ku wa mbere ku masaha yo muri Malawi, yarimwo kandi na Shanil Dzimbiri, umutambukanyi wa Bakili Muluzi yahoze ari prezida wa Malawi.

Yahagurutse ku kibuga c’indege c’umurwa mukuru, Lilongwe, saa tatu n’iminota cumi n’indwi. Vyari bitegekanijwe ko ishika ku kibuga c’indege c’igisagara kiza ubwa gatatu muri Malawi citwa, Mzuzu, saa yine n’iminota ibiri.

Mw'ijambo prezida wa Malawi Lazarus Chakwera yashikirije ejo ku wa mabere biciye kuri tereviziyo y'igihugu yagize ati: “ Indege iriko yegereza ikibuga c’indege ca Mzuzu, vyaranse ko ishika hasi kubera umudereva atabona neza aho yururukira bitewe n’ikirere kitari ciza. Abajejwe ivy’indege baciye bahanura umudereva gusubira I Lilongwe. Ntivyatevye, uguhanana amakuru hagati y’abakurikirana urugendo rw’indege n’abari bayitwaye kwaciye guhagarara”

Prezida Lazarus Chakwera, yasavye abanyagihugu kuguma batekanye. Yituye ibihugu bibanyi hamwe n’ivya kure birimwo Amerika, Ubwongereza, Noruveje na Isirayeri kugira bifashe mu kurondera ahari iyo ndege.

Visi prezida wa Malawi Saulos Klaus Chilima, w’imyaka 51 abonwa nk’umwe mu bashobora kuzohiganira amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe muri Malawi mu mwaka uza. Itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, rivuga ko akundwa cane muri Malawi cane cane n’abakiri bato.

Mu 2022, yatawe mu yompi yagirizwa kunyereza amatungo ya reta no kwaka ibiturire kugira atange amasoko ya reta, ariko mu nyuma aza kurekurwa agizwe umwere.

Saulos Klaus Chilima arubatse ni umugabo yubatse. Afise abana babiri. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG