Uko wahagera

Uburundi Busaba ONU Kubusubiza mu Kibanza Ciza mu vy'Agateka ka Zina Muntu


Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye
Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye

Mu Burundi umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu, CNIDH, witwaye muri ONU usaba ko wosubizwa mu kibanza ca mbere A cagenewe imigwi nk’iyo idatamikwa ijambo n’ubutegetsi.

Akanama ka ONU kajejwe ageteka ka zina muntu mu kwezi guheze, kavanye Uburundi muri uwo mugwi ufatwa nk'uwiteka, kabushira mu ku rutonde rumwe n’imigwi yo mu bihugu bitwaza umukazo nka nka Alijeriya, Libiya, Tuniziya, Nicaragua, Venezuela, Turkiya, n’ibindi.

Abahinga ba ONU bafashe iyo ngingo inyuma y’umwaka wose basuzuma ibikorwa vy’uwo murwi. Bavuze ko basanze uwo mugwi udakora wigenga, wacitse igikoresho ca reta, utamikwa ijambo n’ubutegetsi. Wongeye usigura ko hari amabi uwo mugwi ukorako ugasha nko kudoma urutoke ku mabi akorwa n’inzego za reta, canke urwaruka rw’Imbonerakure zegamiye umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Abahinga ba ONU bakoze amatohoza bavuga kandi ko uwo murwi utavugira abahohoterwa, bazira ivyiyumviro vyabo, vyaba ivya politike n’ibindi.

Sixte Vigny Nimuraba atwara uwo mugwi ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH yatangaje kuri uyu wa mbere ko uwo mugwi wahohotewe mu kwamburwa igihagararo ca mbere cagenewe imigwi ikora yigenga (Statut A), aca asaba ko wosubizwa iteka kuko "usigaye uvugira abahohoterwa nk’abatavuga rumwe na reta, abamenyeshamakeru n’abaharanira uburenganzira bwa muntu".

Ingingo yafatiwe CNIDH ifise ikiringo c’umwaka kugira ibe ntabanduka. Mu kuyifata, akanama ka ONU kari kituwe n’amashirahamwe yigenga n’inani zitandukanye harimwo FICAT, urunani rufise icicaro mu Bufaransa. Umushingwamanza Armel Niyongere atwara ishirahamwe ACAT-Burundi, riri mu runani FIACAT yasiguriye Ijwi rya Amerika ko uwo mugwi w’Uburundi ukwiye gukoresha ico kiringo kugira wisubirako.

Ikindi uwo mugwi CNIDH wari wagirijwe ni uko hari ubwicanyi bukorwa yamara ntukore amatohoza canke ngo usemerere. Mu burorero amashirahamwe atandukanye hamwe n’abahinga ba ONU batanze, harimwo abantu barenga 200 baharuwe ko bishwe, abarenga abo bakanyuruzwa mu kiringo c’umwaka umwe uheze, yamara umurwi CNIDH ntihagire amatohoza ukora.

Ibi biremezwa kandi n’icegeranyo ya reta zunze ubumwe za Amerika co ku mwaka uheze catangajwe mu kwezi kwa kane uno mwaka. Aha umugwi CNIDH usigura ko ari akazi k’ubutugane.

Si irya mbere ibikorwa vy’umugwi CNIDH bitera amakenga muri iyi myaka 6 iheze. Mu mwaka w’2018, ni ho uwo murwi watangura kwakwa icicaro ca mbere (A). Naho nyene, wari wagirijwe na ONU ko wirengagije ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu, ryabaye kuva mu mwaka w’2015.

Inyuma y’imyaka 3 mu mwaka w’2021, uwo murwi warasubijwe muri ico kibanza ca mbere. Wari wasabwe kwigengesera no kwerekana ko vy’ukuri, wigenga.

Uwo mugwi urizeye ko amatohoza yakozwe na ONU azosubirwamwo kugira iyo ngingo ifutwe. Usaba ko abahinga ba ONU bobaza amashirahamwe akorera mu gihugu hamwe n’abaserukira ibihugu vy’abo mu Burundi kugira umenye ukuri nyakwo.

Iyi ngingo idahindutse, akanama ka ONU kerekana ko umurwi CNIDH wo mu Burundi utazosubira no kuja mu nama za ONU. Ivyo na vyo bigasigura ko igihugu kidasubira kuronka akaryo, n’aho gishikiririza ingene agateka ka zina muntu kifashe.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Pierre Claver Niyonkuru.

Uburundi Buvuga ko ONU Yaburenganije
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:31 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG