Uko wahagera

USA: Sentare y'Abanyagihugu Yatanguye Kuburanisha Urubanza rw'Umuhungu wa Prezida Biden


Umuhungu wa Prezida Joe Biden kumwe n'Umutambukanyi wiwe
Umuhungu wa Prezida Joe Biden kumwe n'Umutambukanyi wiwe

Sentare y’abanyagihugu ( Jury) bo muri reta ya Delaware iri mu buseruko bwa Amerika, yatanguye kurimbura mu mw’iherero nimba Hunter Biden, umuhungu wa prezida wa Amerika Joe Biden, yagirwa n’ivyaha vyo kuba yararenze amategeko mu “gutunga ibirwanisho abizi neza ko akoresha ibiyovyabwenge.”

Abanyagihugu 12 bariko barimbura ivyaha Hunter Biden yagirizwa kuba yarakoze mu 2018, bavuze ko abashikirizamanza n’ababuranira Hunter Biden bose batanze ivyemezo vy’ivyagiriji n’imburano.

Jill Biden, umutambukanyi wa Biden akaba mukase wa Hunter, yari mu bitabiriye iyugururwa ry’imburano imbere y’abagize sentare y’abanyagihugu iriko iburanishiriza uru rubanza mu gisagara ca Wilmington co muri reta ya Delaware, iyo Biden avuka.

Naho Prezida Biden atari ho yari, yashigikiye umuhungu wiwe biciye mw’itangazo yasohoye, amubwira ko amwishimiye. Yirinze kugira ico avuga ku vyo yagirizwa agira ati: “ Nka prezida w’igihugu, sinipfuza kugira ico mvuga ku rubanza rukiri mu mburano. Ariko nk’umuvyeyi, mfitiye urukundo rwinshi umuhungvu wanje. Ndamwizeye, kandi ndaha agaciro ukwihangana kwiwe. “

Ari nka hamwe Hunter Biden yokwagirwa n’ivyaha, ashobora gucibwa umunyororo w’imyaka 25. Ashobora ariko no gutezurirwa kubera ata vyaha bindi vyari bwamwagire.

Ni ubwa mbere Amerika iriko iburanisha urubanza rw’umwana w’umu prezida akiri ku butegetsi. ( AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG