Uko wahagera

ONU Yemeje Ingingo Zishobora Gutuma Haboneka Agahengwe mu Ntambara ya Hamas na Isirayeri


Abari mu nama yemerejwemwo ingingo zishobora gutuma haboneka agahengwe k'intambara
Abari mu nama yemerejwemwo ingingo zishobora gutuma haboneka agahengwe k'intambara

Akanama ka ONU kajejwe umutekano kemeje ingingo zitegeka agahengwe k’intambara hagati ya Hamas na Isirayeri.

Ingingo zemejwe zari zatanzwe na Amerika, zigizwe n’ibice bitatu: Ica mbere gitegeka ko agahengwe k’intambara kabwirizwa gushirwa mu ngiro bidatevye, imbohe z’intambara zirimwo abana abageze mu zabukuru n’abakomeretse zikarekurwa.

Igice ca mbere c’izo ngingo kirimwo kandi ko ibisigarira vy’imbohe z’intambara zagandaguwe bibwirizwa gusubizwa imiryango ya banyakiwigendera, ingabo za Isirayeri zikava mu burere burimwo abantu benshimu ntara ya Gaza, abanyapalestina bagahabwa uburenganzira bwo gusubira mu mihana yabo, abagira neza nabo bakoroherezwa mu gushikana imfashanyo ku bazikeneye.

Igice ca kabiri c’izo ngingo gitegeka guhagarika intambara, ingabo za Isirayeri zikava burundu mu ntara ya Gaza. Igice ca gatatu naco, kirimwo ko haca hatangura imigambi y’igihe kirekire igamije gusanura intara ya Gaza, ibisigarira vyose vy’imbohe z’intambara bizoba bigisigaye muri Gaza ico gihe bigatahukanwa muri Isirayeri.

Ku bihugu 15 bigize akanama ka ONU, 14 vyose birimwo Ubushinwa vyemeje izo ngingo. Uburusiya bwashimye kutagira ico buyivugako.
Ambasaderi wa Amerika muri ONU, Linda Thomas-Greenfield, yishimiye ingingo zatowe avuga ko amakungu “ahisemwo amahoro,”

Mu gihe Isirayeri yari yashimagije ingingo zatanzwe na Amerika imbere y’uko zemezwa, umurwi wa Hamas wasohoye itangazo uvuga ko nawo nyene wakiriye neza ingingo zitegeka agahengwe k’intambara.
Ubumwe bwa Buraya, nabwo nyene bwashimye, buca bugirako busaba impande zose kubahiriza ibiri muri izo ngingo.

XS
SM
MD
LG