Uko wahagera

HCR Yiyamirije Umugambi wo Gutwara Abimukira b'Ubwongereza mu Rwanda


Bamwe mu banyagihugu bari mu myiyerekano yiyamiriza gutwara abimukira mu Rwanda
Bamwe mu banyagihugu bari mu myiyerekano yiyamiriza gutwara abimukira mu Rwanda

Ishami rya ONU ryitaho impunzi kw’isi, HCR, rivuga ko igisata co gutanga ubuhungiro mu Rwanda kidatuganije neza ku buryo bamwe mu bimukira bo mu Bwongereza bokwimurirwa muri ico gihugu.

HCR yabivugiye muri sentare nkuru y’Ubwongereza kuri uno wa mbere, aho yari yahawe uruhusha rwo kugira ico ivuga ku ngingo yo kwimurira bamwe mu bimukira b’Ubwongereza mu Rwanda.

Abanyamategeko baserukira HCR, basigura ko kurungika abimukira mu Rwanda, “bibashira mu kaga ko gushobora kwisanga amaherezo U Rwanda rubarungitse mu bihugu bindi, aho bashobora kwicwa canke bagahohoterwa.”

Ivyavuzwe n’ishami rya ONU ryitaho impunzi, HCR, bije biha inguvu ingingo ya sentare nkuru y’Ubwongereza yari yavuze mu mwaka uheze ko ukurungika abimukira mu Rwanda, binyuranye n’amategeko.

Umushikirangananji wa mbere w’Ubwongereza, Rishi Sunak, ico gihe yatesheje agaciro ingingo y’iyo sentare biciye mu gushiraho itegeko rishasha ryemejwe n’abashingamateka, bavuze ko u Rwanda rubwirizwa gufatwa nk’igihugu gitekanye ku bimukira.

Laura Dubinsky ari mu baburanira HCR, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters, ko hari ivyemezo vy’uko u Rwanda ruhora rwirukana abimukira.

Me Laura yemeza ko igenekerezo rya 7 ukwezi kwa 12 ko mu 2023, HCR ubwayo yeretse abategetsi b’Ubwongereza ivyemezo vy’abimukira indwi u Rwanda rwirukanye.

Laura ati: “Igihe dutanga ivyemezo, ni nawo munsi umushikiranganji Sunak yarungikiye abashingamateka itegeko rishasha ryo kurungika abimukira mu Rwanda.” Reta y’u Rwanda ntaco iratagaza ku vyavuzwe na HCR.

Ku rundi ruhande, mu rwandiko ababuranira reta y’Ubwongereza barungikiye ubutungane, bavuze ko itegeko rirekura ko bamwe mu bimukira b’Ubwongereza borungikwa mu Rwanda, ribwirizwa gushirwa mu ngiro mu kurindira ko ubutungane bugira ico buvuga ku vy’umutekano w’u Rwanda ku mpunzi muri rusangi

Ubwongereza bwatangaje ko abimukira ba mbere bazorungikwa mu Rwanda igenekerezo rya 24 z’ukwezi kuza kw’indwi.

Irungikwa ry’umurwi wa mbere w’abimukiira bashitse ku butaka bw’Ubwongereza biciye mu nzira zinyuranye n’amategeko rizova yamara ku wuzotahukana intsinzi mu matora ategekanijwe mu Bwongereza itarki 4 z’ukwezi kwa kane.

Umugambwe uri ku butetegetsi ukaramuka utsinze amatora, amahirwe ko barungikwa ni menshi. Utsinzwe, bashobora kutagenda kuko umugambwe w’abakozi utavuga rumwe n’ubutegetsi udashigikiye uwo mugambi. (REUTERS).

Forum

XS
SM
MD
LG