Uko wahagera

Mu Busuwisi Hategekanijwe Ikoraniro Ryerekeye Amahoro muri Ukraine


Perezida w'Ubusuwisi Viola Amherd na ministri w'ububanyi n'amahanga Ignazio Cassis mu kiganiro kigenewe abanyamakuru gitegura inama ku mahoro muri Ukraine
Perezida w'Ubusuwisi Viola Amherd na ministri w'ububanyi n'amahanga Ignazio Cassis mu kiganiro kigenewe abanyamakuru gitegura inama ku mahoro muri Ukraine

Ubuswise, kuri uyu wa mbere, bwatangaje ko ibihugu n'amashirahamwe 90 bizokwitaba ikoraniro ry'imisi 2 ryerekeye amahoro muri Ukraine. Ico gihugu kizokwakira iryo koraniro kuva ku musi wa gatandatu w'iyi ndwi.

Reta y’Ubuswise yatangaje ko hafi y’ica kabiri c’ibihugu bizokwitaba iryo koraniro ari ivyo ku mugabane w’Ubulaya. Yavuze ko kuba ibihugu bitari bike vyo mu makungu bizokwitaba iryo koraniro ari ikintu gikomeye ku bijanye no gutanguza umugambi w’amahoro muri Ukraine ushigikiwe n’impande zitari nke.

Itangazo rya Reta y’Ubuswise ryavuze ko ikoraniro ryerekeye amahoro muri Ukraine rigenewe kuganira uburyo bwo gushika ku mahoro y’ukuri azorama muri ico gihugu hisunzwe amategeko mpuzamakungu n’amategeko ishirahamwe mpuzamakungu ONU rigenderako.

Ubuswise buzokwakira iryo koraniro bubisabwe na prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky. Yamara Uburusiya bwanebaguye iryo koraniro, kandi

ntibuzoryitaba iryo koraniro. Bwatangaje ko buzogira uruhara mu biganiro vy’amahoro mu gihe gusa vyofatira ku kugene ibintu vyifashe muri Ukraine muri iki gihe. Prezida wa Ukraine, Volodymir Zelensky, yasavye ko Uburusiya bukura inteko zabwo ku butaka bw’igihugu ciwe. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG