Uko wahagera

Amerika Igabisha Koreya ya Ruguru ku Migenderankire Ifitaniye n'Uburusiya


Prezida w'Uburusiya Kumwe na Kim Jong Un
Prezida w'Uburusiya Kumwe na Kim Jong Un

Amerika yagabishije Koreya ya ruguru kudahirahira ngo ihe Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, "urubuga rwo guhayagiza agasomborotso Uburusiya bwakoreye Ukraine." Kim Jung Un arongoye Koreya ya ruguru yatumiye Putin I Pyongyang mu kwezi kw’icenda igihe yagendera Uburusiya.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburusiya n’ayandi amakungu, yavuze ko imyiteguro ya Putin yo kuja muri Koreya ya ruguru igeze kure. Ntiyigeze ariko atomora itariki Prezida w’Uburusiya azokorerako urwo rugendo.

Ijwi ry’Amerika ryahamagaye ubuserukizi bw’Uburusiya I Seoul ku murwa mukuru wa Koreya y’epfo, ribaza niba hari amatariki y’uru rugendo boba bazi, nta nyishu ubwo buserukizi bwatanze.

Ku rundi ruhande, umuvuguzi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu yarungikiye ubutumwa bwa imeyeri servisi y’igikoreya kw'Ijwi ry'Amerika bugira buti: “Mu gihe Uburusiya bubandanya kurondera ababushigikira mu makungu mu ntumbero yo kubandanya ingwano yabwo yuzuye ubugome muri Ukraine, tuributsa ko ata gihugu na kimwe kirekuriwe guha Putin urubuga rwo gushigikira agasomborotso kiwe, mu kwerekana ko ubugizi bwiwe bwa nabi ari ubusanzwe.”

Uwo mutegetsi wa Amerika yabandanije agira ati: “Impande zose zishigikiye amahoro arama, zari zibwirijwe kwiyamiriza imigenderanire hagati ya Koreya ya ruguru n’Uburusiya.”

Yemeje ko Koreya ya ruguru iha akatari gake imfashanyo za gisirikare Uburusiya mu ntambara burimwo na Ukraine. Koreya ya ruguru yamara yarahakanye akatari gake ko ko ata bikoresho vy’intambara irapfa ihaye Ukraine.

Abasesanguzi bavuga ko urugendo Prezida Putin yokorera muri Koreya ya ruguru rwomufasha cane gukomeza imigenderanire mu vya gisirikare hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Ibimenyeshamakuru vyo mu Burusiya vyatangaje ko Putin ubwiwe yivugiye ko azobandanya gukora ibishoboka vyose kugira imigenderanire iri hagati y’igihugu ciwe na Koreya ya ruguru itere imbere, kandi ko ico amakungu yibaza kuri iyo migenderanire ataco bimubwiye.

Koreya ya ruguru ifata intambara Uburusiya burimwo muri Ukraine nk’intambara nziza yo kwisubiza iteka no kwikura akarengane. (VOA NEWS).

Forum

XS
SM
MD
LG