Uko wahagera

Imwe mu Migambwe Yanse Umugambi wa Reta y'Ubumwe muri Afurika y'Epfo


Prezida wa Afurika y'Epfo Cyril Ramaphosa
Prezida wa Afurika y'Epfo Cyril Ramaphosa

Muri Afrika y’Epfo, imigambwe itavuga rumwe na reta, ntiyakiranye igishika kinini, umugambi w’umugambwe uri ku butegetsi wo gushinga reta y’ubumwe. Uyo mugambi washikirijwe uyu musi ku wa gatanu, wakiriwe mu buryo butandukanye n’imigambwe itavuga rumwe na reta. Imwe muri iyo migambwe ntaco yavuze kuri uyo mugambi, mu gihe iyindi isa n’itawushigikiye

Prezida Cyril Ramaphosa yavuze ko mu migambwe iri mu biganiro na ANC uri ku butegetsi ku vyerekeye gushiraho reta y’ubumwe harimwo umugambwe EFF (Combattants pour la liberté économique), IFP, hamwe na DA.


Julius Malema atwara umugambwe EFF yiyamirije umugambi wa Prezida Cyril Ramaphosa, avuga ko atoshobora gusangira ubutegetsi n’umwansi.Mu butumwa Malema yanditse biciye ku rubuga rwa X, yagize ati: “ Ntitwosangira ubutegetsi n’abansi. Umugambwe ANC uriko utegeka ivyokorwa nk’aho ari wo watsinze amatora. Ntitwihebuye ku buryo twopfa kwemera ivyo batubwiye.” Mu nama nshingamateka, Umugambwe EFF uzoba uhafise intebe 39.

Umugambwe DA uza imbere mu yitavuga rumwe n’ubutegetsi kugera ino saha, ntaco uravuga ku vyasabwe na Prezida Cyril Ramaphoza. Umugambwe IFP, ufise intebe 17 mu nama nshingamateka, wavuze ko reta y’ubumwe ataco iwutwaye, ariko ingingo bazoyifata mu minsi iri imbere. Umugambwe AP ufise intebe icenda gusa, na wo nyene wavuze ko ukiriko urarimbura ubusabe bwa ANC.

Umugambwe uri ku butegetsi muri Afurika y’epfo, ANC, wahisemwo kurondera imigambwe yo kwemera kwifatikanya na wo kugira haboneke reta y’ubumwe kubera utakwije amajwi awemerera kugira ubwiganze mu nama nshingamateka, urwego rutora prezida muri ico gihugu.

Waronse amajwi 40% gusa. Ku bibanza 400 bigize inama nshingamateka ya Afurika y’epfo, uwo mugambwe uzoba uhafise intebe 159 gusa. Mu kiringo giheze, wari uhafise ibibanza 230.

Afurika y’Epfo iramutse ibonye reta y’ubumwe ntibizoba bibaye ubwa mbere mu mateka yayo. Reta ya mbere y’umugambwe ANC washinzwe na Nelson Mandela yari iy’ubumwe.

ANC ico gihe yemeye kuja hamwe n’umugambwe, National Party, wagwanira inyungu z’intwaro ya karyanishamiryango (Apartheid), hamwe n’umugambwe IFP warwanya cane umugambwe ANC.

Inama nshingamateka nshasha ibwirizwa gutora umukuru w’igihugu bitarenze iminsi cumi. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG