Uko wahagera

Urubanza rw'Abashaka Guhirika Ubutegetsi bwa Kongo Rwatanguye


Bamwe mu bahatswe guhirika ubutegetsi bwa Kongo
Bamwe mu bahatswe guhirika ubutegetsi bwa Kongo

I Kinshasa muri Republika ya Demokarasi ya Kongo, urubanza rw'abantu bagera kuri 50 bagirizwa kuba baragize uruhara muri kudeta yateshejwe mu kwezi kwa gatanu, rwatanguye. Ababuranishwa bose hamwe bagera kuri 53. Bagwiriyemwo abanyamahanga barimwo Abanyamerika batatu, n’abagore bane bafise ubwenegihugu bwa Kongo.

Mu baburanishijwe, harimwo Christian Malanga yagirizwa uruhara runini mu mugambi wo gushaka gutembagaza ubutegetsi bwa Prezida Felix Tshisekedi. Malanga afise ubwenegihugu bwa Amerika yagadaguwe umugambi wo guhirika ubutegetsi ukiburizwamwo.

Naho atakiriho, yari ku rutonde rw’ababurana. Umuhungu wiwe Marcel Malanga, afise ubwenegihugu bw’Amerika na we nyene yari mu baburanye, co kimwe n’abandi Banyamerika babiri. Aba, barimwo umwe afatwa nk’ incuti magara y’Umuhisi Christian Malanga.

Jean-Jacques Wondo, inararibonye mu vya gisirikare, akaba n’Umubirigi afise inkomoko muri Kongo, na we nyene yaburanye. Uwu, yagirizwa kuba yarafashije cane Christian Malanga, afatwa nk’uwari imbere mu mugambi wo gushaka gutembagaza ubutegetsi.
Me. Masingo Shela aburanira Wondo, yabwiye abamenyeshamakuru ko yagirizwa kuba yarunguruje abashatse guhirika ubutegetsi. Shela n’uwo aburanira bahakanye ibi vyagiriji, bavuga ko biteguye kuburana.

Abagirizwa guhirika ubutegetsi bwa Kongo baburaniye muri sentare ya gisirikare Kinshasa-Gombe, yashashe mw’ibohero rya gisirikare riri ahitwa Ndolo, i Kinshasa.
Urubanza rwabo rwakurikiranywe n’abaserukira ibihugu vyabo, cane cane ivy’Iburaya, abamenyeshamakuru benshi n’abanyamategeko bunganira abagirizwa.

Ivyaha abari muri ino dosiye bagirizwa muri rusangi, birimwo kugerageza gutembagaza ubutegetsi bwa Prezida Felix Tsisekedi, iterabwoba, gutanga uburyo bwo gufasha abakora iterabwoba, gutunga ibirwanisho batabifitiye uburenganzira, kugerageza kugandagura zimwe mu ndongozi za Kongo, ubwicanyi, no kwifatanya n’inkozi z’ikibi.

Abaharanira agateka ka zina muntu bavuze ko ata butungane bizeye kuzobona mu rubanza rw’abagirizwa ivyo vyaha, kuko “bagifatwa, batahawe uburenganzira bwo kwumvirizwa, baherekejwe n’ababunganira mu mategeko.”

Imburano zitanguye mu gihe hariko haba amatohoza y’ubwicanyi bw’agasakisaki bwegekwa ku basirikare ba Kongo, boba baciye bica urw’agashinyaguro bamwe mu bagirizwa kuba bari mu murwi w’abahatswe guhirika ubutegetsi bwa Kongo, igenekerezo rya 19 ry’ukwezi kwa gatanu. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG