Uko wahagera

OMS: Intambara iri muri Gaza Iriko Ituma Abanyagihugu Barya Ivyatsi n'Ibikoko vyo mw'Ishamba


Bamwe mu bana bo muri Gaza batondeye inrya
Bamwe mu bana bo muri Gaza batondeye inrya

Igisata ca ONU citaho amagara y’abantu kw’isi, OMS, gisabira imfashanyo zihuta abanyagihugu bo mu ntara ya Gaza cemeza ko banwa amazi mabi, bakarya ibikoko vyo mw’ishamba n’ivyatsi kubera kubura ivyo gufungura.

Hanan Balkhy atwara OMS mu karere intara ya Gaza iherereyemwo yavuze ko abanyagihugu b’iyo ntara ata buvuzi bushemeye baronka.

Imfashanyo z’abanyagihugu bo muri Gaza zaheze mu gisagara ca Rafah kiri mu maj’Epfo ya Gaza. Zizibiwe n’igisirikare ca Isirayeri kuva igenekerezo rya 7 z’ukwezi kwa gatanu.

ONU n’amashirahamwe yigenga bagabisha ko izo mfashanyo zitinjiye mu ntara ya Gaza, abanyagihugu b’iyo ntara bashobora kwicwa na kigoyi. Ishami rya ONU ryitaho amagara y’abantu, ryasavye Isirayeri rishimitse kurekura izo mfashanyo.

Hambavu y’izo mfashanyo, OMS yibukije ko hari abnyagihugu bagera ku bihumbi 11 barimwo indembe n’abakomeretse babuze inzira bacamwo kugira baje kuvuzwa.

Hagati aho, tukivuga ku vy’intambara ya Hamas na Isirayeri Prezida wa Amerika, Joe Biden, yavuze ko hari impamvu zifatika zo gutuma abantu bibaza ko umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri, Benjamin Netanyahu, adindiza intambara ku nyungu ziwe bwite za politike, zirimwo uguhaka kuguma ku butegetsi.


XS
SM
MD
LG