Uko wahagera

USA: Prezida Biden Yashizeho Amategeko Akaze ku Bimukira Baca muri Mexique


Bamwe mu bimukira barindiriye kwinjira muri Amerika
Bamwe mu bimukira barindiriye kwinjira muri Amerika

Amerika igiye kuza irima amahirwe yo gusaba ubuhungiro bamwe mu bimukira bashika ku butaka bwayo baciye mu nzira zinyuranye n’amategeko, ku mupaka ico gihugu gihana na Megezike.

Ingingo zikarishe zishasha zafashwe na Prezida Joe Biden, zirimwo kandi ko bamwe mu bimukira bazoca kuri uwo mupaka, bazoca basubizwa vyihuse mu bihugu vyabo, canke barungikwe muri Megezike.

Abategwa n’izo ngingo, barimwo abana bazoshika kuri uwo mupaka batari kumwe n’abavyeyi babo, abafise ingwara zibabangamiye, abafise ikibazo c’umutekano n’abashitse kuri uwo mupaka biciye mu rudandazwa rw’abantu.

Umwe mu bategetsi ba Amerikaa atashimjye ko amazina yiwe atangazwa, yavuze ko aya mategeko atari ay’aburundu: Azoshirwa mu ngiro igihe cose abimukira bazofatwa bariko baca kuri uwo mupaka bazorenga 2500 ku ndwi, hama areke gushirwa mu ngiro igihe cose bagiye munsi ya 1500 ku musi.

Ingingo Joe Biden yafashe ni zo za mbere zikaze zifashwe n’umu prezida w’umudemokrate. Zishusha n’izo Donald Trump yahoze ari prezida wa Amerika yari yarafashe zarimwo no gukumira bamwe mu bimukira bava mu bihugu bimwe bimwe bigwiriyemwo aba Isilamu.

Vyitezweko abaharanira agateka ka zina muntu n’amashirahbamwe yitaho impunzi agwanya biciye mu mategeko izo ngingo zose.

Abasesanguzi bavuze ko Prezida Joe Biden yafashe izo ngingo mu ntumbero yo kurondera amajwi menshi y’abazomutora mu matora yo mu kwa 11.

Abajejwe kwamamaza Donald Trump azoba ahanganye nawe muri ayo matora, bateye ivyatsi ingingo za Biden, bavuga ko nk’iyemezako abana bazoba bari bonyene bazoca bahabwa ubuhungiro, izotuma urudandazwa rw’abana rwiyongera. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG