Uko wahagera

Igipolisi Gitohoza ca Kenya Cabonye Ibindi Biziga Indwi i Malindi


Muri Kenya, abapolisi bakora amatohoza ku rupfu rw’abantu bitavye Imana bayobejwe n’umupasitori yabasavye kwisonzesha gushika gupfa, babonye ibindi biziga vy’abantu indwi.

Mu gihe igipolisi cabandanya ibikorwa vyaco vyo kwimba barondera ibindi biziga vy’abitavye Imana, ku musi wa mbere niho bubura ibindi binogo vy’ahambwemwo abantu kubwinshi, mu mugirwa wo kwisonzesha abo bantu bapfuye bakoze.

Ibiziga vy’abantu 436 nivyo bimaze gutorwa muri ako karere kari hafi y’ikivuko kiri ku nyaja y’abahindi, mu gisagara ca Malindi. Iyo nkuru ikaba yaratangaje cane abanyakenya n’isi yose.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP rivuga ko ibinogo 50 bimaze gutorwa kandi biriko biragirwako amatohoza.

Umugabo yiyise umupasitori Paul Nthenge Mackenzie niwe yagirizwa kuba yarosheje abayoboke biwe mu mugirwa wo kwisonzeza gushika gupfa, ati kugira “babonane na Yezu”. Ni mu gihe yababwira ko umuhero w’isi wari wimirije kuba mu kwezi kwa munani mu mwaka uheze.
Uwo mupasitori yafashwe n’igipolisi mu kwezi kwa kane mu mwaka uheze wa 2023, inyuma yaho hatowe ibiziga vya mbere mu ciswe “Ubwicanyi bwo mw’ishamba rya Shakahola”.

Forum

XS
SM
MD
LG