Uko wahagera

Amerika mu Nzira yo Gukaza Amategeko y'Abimukira Baca muri Mexike


Ibimenyeshamakuru bitandukanye vyo muri Amerika bitangaza ko ejo ku wa kabiri , Prezida Joe Biden ashiraho ingingo zikarishe ku bimukira bashika ku butaka bwa Amerika baciye muri Mexike.

Ingingo Biden ashobora gutangaza, zirimwo itegeko ritanga uburenganzira bwo gusubiza inyuma abimukira bose binjiye muri Amerika baciye ku ruhande rwa Mexike, imbere y’uko banasigura igituma bahungiye muri Amerika.

Bitegekanijwe ko Biden atangariza izo ngingo mu nama iza kubera ku birro vyiwe, White House, ikaba iza kuba irimwo na ba buramatari b’ama reta yegeranye na Mexike.

Ibiro vya prezida wa Amerika vyanse kugira ico bivuga kuri ano makuru yemezwa n’ibimenyeshamakuru bitandukanye vyo mu gihugu na mpuzamakungu.

Ikibazo c’abimukira binjira ku butaka bwa Amerika baciye ku ruhande rwa Mexike, kiri mu vyo Biden akoresha mu guhiganwa na Donald Trump, amwagiriza ko vyamunaniye gutorera umuti.

Ibiharuro vyerekana ko abimukira baca ku mipaka Amerika ihana na Mexike biyongereye cane ku ntwaro ya Biden. Mu 2023, abimukira binjiye baciye kuri iyi mipaka barenga imiriyoni 2 n’amajana 4.

Forum

XS
SM
MD
LG