Inyuma y’umwaka umwe uheze Uganda yemeje itegeko rihasha abakundana n’abo bafise ibitsina bishusha nk’ivyaho, canke abahinduje ibitsina vyabo, amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu avuga ko amabi ariko akorerwa abari muri uwo murwi abandanya kwiyongera.
Icegeranyo casohowe n’urunani rwitwa, Convening for Equality (CFE), ruhurikiyemwo amashirahamwe avugira abakundana n’abo basangiye ibitsina n’abahinduje bimwe mu bihimba vyabo bibaha kwigenza ka bukobwa canke ka buhungu, cerekana ko abahohotewe bazira uko bigenza muri ano mezi icenda ari 1253.
Icegeranyo c’urwo runani kivuga ko amabi abatinganyi bo muri Uganda bakorewe arimwo guhohoterwa kurimwo kuborezwa igufa, gucibwa mu miryango bavamwo, guhagarikwa bidaciye mu matageko, guhohoterwa bishingiye ku gitsina, gutegekwa gutanga ibiturire kugira ntibagirirwe nabi, kwirukanwa mu buzi, kwirukanwa mu mazu bapanzemwo, kutakirwa neza kwa muganga n’ibindi.
Abegekwako ayo mabi, barimwo abari muri reta, abatayirimwo n’abajejwe gucungera umutekano.
Polisi ya Uganda ntiyigenze yitaba terefone ya bagenzi bacu bo mw’itororokanirizo ry’amakuru y’Abongereza, Reuters, bayirondeye kugira igire ico ivuga kuri ibi vyagiriji.
Itegeko rihasha abakundana bahuje ibitsina muri Uganda mu bihano ritegekaniriza abari muri uwo mugwi, birimwo igihano c’urupfu no gufungwa ubuzima bwose. Ni itegeko ryatumye impande zitandukanye zirimwo ibanki y’isi yose na Amerika zifatira ibihano bitandukanye Uganda.
Forum