Uko wahagera

Ubwongereza Buzotangura Kurungika Abimukira mu Rwanda mu Kwezi kw'Indwi


Abimukira bavuye mu Bufaransa bagana mu Bwongereza
Abimukira bavuye mu Bufaransa bagana mu Bwongereza

Ubwongereza butegekanya kurungika igice ca mbere c'abimukira bashitse ku butaka bwabwo mu Rwanda, biciye mu nzira zinyuranye n'amategeko igenekerezo rya 24 ukwezi kuza kw'indwi. Aya matariki yemejwe n'umwe mu baburanira reta y'Ubwongereza.

Edward Brown aburanira reta y’Ubwongereza muri ino dosiye, yavuze ko ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu Bwongereza ari bwo bwatangaje ayo matariki mashasha.

Charlotte Kilroy aburanira uruhande rw’impunzi zishobora kurungikwa mu Rwanda yavuze ko batunguwe n’igenekeerzo rishasha ry’igihe abimukira bashobora kurungikwa mu Rwanda, Yagize ati: ‘ Iyi ni inkuru nshasha kuri twebwe.”

Umucamanza Martin Chamberlain, we yavuze ko, bigoye kumenya ko iyi tariki nshasha ari ntabanduka. Ku bwiwe, itariki ntabanduka y’igihe Ubwongereza buzorungikira abikumira mu Rwanda izomenyekana inyuma y’amatora rusangi y’ico gihugu azoba igenekerezo rya 4 z’ukwezi kw’indwi uwu mwaka.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Rishi Sunak akomoka mu mugambwe utsimbataye ku ntwaro y’ivyakera, yavuze ko aramutse atsinze amatora, azoca yihutisha uwu mugambi.

Ku rundi ruhande ariko, umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi, Labour Party, nawo wavuze ko ugatahukana intsinzi uzoca ufuta bidatevye uwo mugambi utavugwako rumwe n’impande zitandukanye.

Umugambiwo kurungika abimukira mu Rwanda, ni umwe mu migambi nkora mutima y’umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Rishi Sunak. Ni umugambi ariko wagiye urabangamirwa n’impande zitandukanye zirimwo izishimikiye ku mategeko canke n’iz’abashingamateka batawushigikiye.

Forum

XS
SM
MD
LG