Uko wahagera

Zambiya: Umuryango wa Lungu Yahoze ari Prezida Wagirizwa Inyuruzwa ry'Amafaranga


 Edgar Lungu kumwe n'umupfasoni wiwe Esther Lungu
Edgar Lungu kumwe n'umupfasoni wiwe Esther Lungu

Ubutungane bwa Zambiya bwarekuye Esther Lungu, umutambukanyi wa Edgar Lungu yahoze ari prezida w’ico gihugu.

Yari yahagaritswe ku munsi wa kane ari kumwe n’abakobwa biwe babiri. Bakekwako inyuruzwa ry’amafaranga n’ubutunzi baronse biciye mu bugizi bwa nabi burimwo ubwicanyi.

Bimwe mu vyo bisiguyeko umwanya munini, birimwo ingene baronse amazu afise agaciro k’umuriyoni n’ibihumbi amajana atandatu mu madorari y’Amerika. Ayo mazu ari muri karitiye y’abatunzi yitwa Kasama iri ku murwa mukuru wa Zambiya, Lusaka.

Amashirahamwe yigenga muri ico gihugu yavuze ko Esther Lungu n’abakobwa biwe batashoboye gutanga ivyemezo vyerekana ko ayo mazu bayaronse biciye mu nzira zemewe n’amategeko. Ayo mashirahamwe avuga ko ivyo bagirizwa ari ukuri kwuzuye.

Madamu wa Edgar Lungu yahoze atwara Zambiya n’abakobwa biwe barekuwe babanje gutanga ingwati y’amafaranga atatangajwe uko angana. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG