Uko wahagera

Donald Trump Azokunguruza Urubanza Yagiriwemwo Ivyaha 34


Donald Trump yahoze ari prezida wa Amerika
Donald Trump yahoze ari prezida wa Amerika

Donald Trump yahoze ari prezida wa Leta zunze ubumwe za Amerika atangaza ko agiye kunguruza urubanza yaraye aciriwe n’abanyagihugu 12 bagize umurwi wa sentare y’abanyagihugu (Jury) yamuburanishirije. Abagize uwo murwi ejo ni ho bemeje ko yagirwa n’ivyaha 34 vyose yari amaze iminsi ariko araburanako.

Mu kiganiro Trump yahaye abamenyeshamakuru ari mw’I gorofa yiwe bwite yubatse mu gisagara ca Manhattan I New York, yavuze ko yaciriwe urwa ngondagonde, kandi yifata nk’imfungwa ya politike.

Umwanya munini w’ijambo ryiwe ryamaze iminota irenga 30, yawumaze yifatira mu gahanga ubutegetsi bwa Prezida Prezida Joe Biden n’abamwegereye yise “ Abarwayi barangwa n’ubutegetsi bw’igitugu.” Yavuze ko ari bo batumye acirwa ico yise urubanza rw’akarenganyo.

Abayoboke biwe bari basidukanye n’iyonka imbere y’inzu yiwe y’agaciro kanini yitwa Trump Tower, aho bakoreye imyiyerekano yo kumushigikira. Yaciye atanguza isekeza yise “ Ndi infungwa ya politike.” Inyuma y’amasaha make cane, iryo sekeza ryari rimaze kwegeranya ingabire y’amamiriyoni yabababa 39 y’amadorari y’Amerika.

Ibiro bijejwe kwamamaza Prezida Joe Biden vyavuze ko ingene Donald Trump ariko arigenza n’amajambo yavuze, vyerekana neza ko adashobora kuba Prezida wa Amerika. White House yavuze ko Trump yambitse iceyi ubutungane bwa Amerika.

Ejo ku wa kane naho ibiro vy’umukuru w’igihugu vyari yavuze ko urubanza rwa Trump rwerekanye ko ata n’umwe ari hejuru y’amategeko y’Ameirka.

Abategetsi bamwe bamwe bo mu makungu bavuze ko bashigikiye Trump. Umushikiranganji wa mbere w’Ubutariyano yise urubanza rwa Trump urwa Politike, Uburusiya nabwo bubicishije ku muvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu, Dmitri Peskov, buvuga ko Amerika iriko ikumira abatavuga rumwe na reta ku rubuga rwa politike.

Forum

XS
SM
MD
LG