Prezida wa Amerika yemereye Ukraine gukoresha ibirwanisho yayihaye mu kugaba ibitero mu bice bimwe bimwe vy’Uburusiya.
Ibimenyeshamakuru mpuzamakungi bitandukanye birimwo Reuters, AFP na CNN bivuga ko umutegetsi wa Amerika yatanze ano makuru ntashime ko amazina yiwe atangazwa, yavuze ko uruhusha Joe Biden yatanze rutomora ko ibirwanisho vya Amerika bizokoresherezwa gusa mu gisagara ca Kharkiv.
Uwu mutegetsi abandanya avuga ko uruhusha Amerika yahaye Ukraine, rudasiguye ko yayemereye kurasisha Uburusiya ibisasu vya misile bishobora kurasa kugera ku bikometero 300.
Igisagara ca Kharkiv Amerika yemeye ko Ukraine irungikiramwo ibisasu mu Burusiya, kiri mu buseruko bwa Ukraine, kiza imbere mu vyo Uburusiya bukunze kugabamwo ibitero.
Hari haheze igihe ibihugu vyo mw’ishirahmwe ryo kwivunira umwansi hamwe, OTAN, bisaba Amerika guha uburenganzira Ukraine bwo gukoresha ibirwanisho yayihaye mu kugaba ibitero mu bice bimwe bimwe vy’Uburusiya.
Forum