Uko wahagera

Tanzaniya Yasabwe Guhagarika Umugambi Wo Kwirukana Impunzi Ku Ngufu


Ikambi ya Nduta
Ikambi ya Nduta

Amashirahamwe yigenga 19 akorera mu Burundi no mu karere ka Afrika y’Ubuseruko aranegura ingendo ya Tanzaniya yo kwirukana ku nguvu impunzi z’Abarundi.

Ni mu gihe, iki gihugu giheruka gutangaza ko kizokwugara kumugaragaro amakambi abiri manini y’impunzi z’Abarundi mu mpera z’uyu mwaka.

Mu rwandiko yashize ahabona, ayo mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yatangaje ko azokwitura amasentare mpuzamakungu ashengeze ishami rya ONU ryitaho impunzi, HCR, na Tanzaniya iyo ngingo niyashirwa mu ngiro.

Abayarongoye bashimangira ko iyo ngendo ihonyanga amategeko mpuzamakungu akingira impunzi.

HCR yabwiye Ijwi rya Amerika ko ata mpunzi n’imwe izokwirukanwa ku nguvu. Yamara ayo mashiramawe co kimwe n’impunzi ubwazo ntizemera iyo mvugo ya HCR.

Ingingo ayo mashirahamwe 19 ashingirako mu kugabisha igihugu ca Tanzaniya ni iyo kwugara amakambi y’impunzi ya Nduta na Nyarugusu ari mu ntara ya Kigoma iri mu burengero bwa Tanzaniya.

Izi kambi nini zibiri zirimwo impunzi z’Abarundi zirenga 110,000.

Abana b'impunzi z'Abarundi mu nkambi ya Nyarugusu
Abana b'impunzi z'Abarundi mu nkambi ya Nyarugusu

Mu ntango z’uyu mwaka, umukuru w’igihugu ca Tanzaniya, Samia Suluhu Hassan ni we yabitangaje mw’ijambo ryiwe, ashimangira ingingo yari yafashwe n’inama nyabutatu ihuza ico gihugu, Uburundi hamwe n’ishiramwe mpuzamakungu HCR ryitaho impunzi.

Kuva ico gihe, HCR ryarasohoye urwandiko rw’ingengabihe, Ijwi rya Amerika ryaronse, rwerekana ko amakambi yose azokwugarwa mu kwezi kw’10 uyu mwaka.

Ku bw’ayo mashirahamwe yigenga, igihugu ca Tanzaniya n’ishirahamwe HCR barafadikanije umugambi wo guhonyanga amasezerano y’I Jeneve mu Busuwisi yateweko umukono mu 1951. Aya nayo, akingira impunzi yose aho yahungiye, agategeka ibihugu vyazakiriye kutazirukana ku nguvu.

Zimwe mu mpunzi zaganiriye n’Ijwi rya Amerika, zivuga ko zabuze ayo zicira n’ayo zimira kubera iyo ngingo ya Tanzaniya.

Ibiro bijejwe kumenyeshamakuru mu gisata ca HCR kiraba akarere ka Afrika y’Ubuseruko n’ihembe rya Afrika biri I Nairobi muri Kenya vyabwiye Ijwi rya Amerika ko atako iryo shirahamwe ridakora ngo rikingire impunzi.

Ivyo biro vyatumenyesheje ko biheruka gushikiriza reta ya Tanzaniya amakenga y’impunzi kuri ico kibazo. Ku bwa HCR, reta ya Tanzaniya yarijeje iryo shiramwe ko impunzi zizoguma zikingiwe.

Ivyo biro bivuga ko HCR ryaganiriye n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Tanzaniya nawe akizeza ko ata mpunzi izokwirukanwa ku nguvu. HCR ritangaza kandi ko ata mugambi rifise wo kwaka ubuhunzi Abarundi bari muri Tanzaniya.

Ibiro vya HCR vyirinze kugira ico bivuze ku rwandiko Ijwi rya Amerika ryaronse rwerekana ko ayo makambi azokugarwa mu mpera z’uyu mwaka.

Yamara, iyo mvugo ntihumuriza impunzi z’Abarundi zivuga ko ibikorwa vyo kuzihohotera bitigeze bihagarara. N’amashirahamwe yigenga arabishimangira.

Ifoto yo mu 2015 mu nkambi ya Nyarugusu
Ifoto yo mu 2015 mu nkambi ya Nyarugusu

Mu mwaka uheze, komisiyo y’ubumwe bwa Afrika ijejwe uburenganzira bwa kiremwa muntu yarandikiye igihugu ca Tanzaniya, ikibwira ko agateka k’impunzi z’Abarundi kariko karahungabanywa mu makambi atandukanye harimwo kuzitahukana ku nguvu, izifungirwa ubusa n’izinyuruzwa zikaburirwa irengero.

Iyo komisiyo yavuze ko ico gihugu gishobora gushengezwa imbere y’amasentare mpuzamakungu.

Kuva mu mwaka w’2017, Abarundi barenga 268,000 bamaze gutahuka. Ni mu gihe HCR ryerekana ko Abarundi hafi 260,000 bakiri mu buhungiro mu bihugu vya Tanzaniya, u Rwanda, Uganda, Kongo, na Kenya.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:29 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG