Uko wahagera

Umugambwe ANC Woba Ugiye Gutakaza Ubutegetsi Umazeko Imyaka 30?


Abanyagihugu ba Afurika y’Epfo baraye bitabiriye amatora afatwa nk’ayarimwo ubufpindo abaye muri ico gihugu kuva cikura intwaro ya karyanishamiryango ( Apartheid), mu 1994.

Ibipimo vyashizwe ahabona vyerekana ko umugambwe ANC umaze imyaka 30 ku butegetsi ushobora gutakaza ibibanza vyinshi mu nama nshingamateka. Bikaramuka bigenze uku, bizoba ari ubwa mbere bibaye kuva ANC ifata ubutegetsi, hari mu 1994.

Abatoye ku wa gatatu, batoye abazoserukira intara icenda n’abashingamateka. Aba, ni na bo bazoheza bagatora uwuzoca aba prezida wa Afurika y’Epfo.

Umugambwe ANC uri ku butegetsi ukaramuka uronse abashingamateka benshi, amahirwe y’uko Prezida Cyril Ramaphosa aguma ku butegetsi azoba abaye menshi. Uronse bake, umugambwe ANC ushobora kuzoba utakaje ubutegetsi umazeko imyaka 30.

Umurwi ujejwe gutegura amatora muri Afurika y’Epfo watangaje ko ibitigiri vy’abitabiriye amatora yo ku wa gatatu, biri kure cane y’abitabiriye ayari aherutse mu 2019.

Itororokanirizo ry’amakuru y’Abongereza, Reuters, ryari ku rubuga rivuga ko ibice 55% vy’amazu yo gutorerako ari vyo vyonyene vyashoboye guheza kwakira abanyagihugu bari bakibigana inyuma y’amasaha abiri y’isaha yari yatanzwe nka ntabanduka kugira ibikorwa vyose bibe vyaheze: Ibikorwa nyezina vyari guhera saa tatu z’ijoro ariko inyuma ya satanu z’ijoro hari abari bagitora (REUTERS).

Forum

XS
SM
MD
LG