Uko wahagera

Abasirikare Bafise Ubutegetsi muri Sudani Banse Kuja mu Biganiro vy'Amahoro


Muri Sudani, uruhande rw’igisirikare gifise ubutegetsi rwanse kuja mu biganiro vy’amahoro biruhuza n’umurwi wa gisirikare uzwi nka Rapid Support Forces (RSF), urwanira gushika ku butegetsi bw’ico gihugu.

Malik Agar, icegera ca Jenerali Abdel Fattah al-Burhan arongoye ubutegetsi bwa gisirikare yavuze ko batazopfa bahonyoje ikirenge mu biganiro, kiretse bishwe.

Mu majambo yiwe yagize ati: "Ntituzoja I Jeddah (ahasanzwe habera ibiganiro vy’izo mpande zibiri muri Arabiya Sawudite. Ababikeneye, baraza batwicire ngaha mu gihugu cacu, hama ibiziga bavyikorere babitwareyo.

Uruhande rw’abasirikare bafise ubutegetsi bwa Sudani ruvuze aya majambo inyuma y’ibiganiro umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu, Antony Blinken, yari yagiranye na Jenerari Abdel Fattah al-Burhan, amusaba guheza intambara no gusubira ku meza y’ibiganiro. Ibiganiro vyose vyabaye hagati y’impande zirwanira ubutegetsi bwa Sudani vyari bifashwe mu mugongo na Amerika.

Ku rundi ruhande ariko, abasirikare bafise ubutegetsi bwa Sudani bemeye ubutumire bwa Misiri mu nama y’abanyapolitike b’abasivile. Naho urwo ruhande rwemeye iyo nama, rwavuze ko bizovana n’abanyepolitike bazoyitumirwamwo hamwe n’abazoyizamwo b’abanyamahanga.

Malik Agar, icegera ca Jenerali Abdel Fattah al-Burhan arongoye ubutegetsi bwa gisirikare, yasiguye ko inama yabereye I Addis Abeba muri Etiyopiya, irimwo abanyepolitike b’abasivile gusa, yayifashe nk’ugusamaza amakungu no kudindiza umugambi wo gutora umuti w’intambara ya Sudani.

Uruhande rw’umurwi wa gisirikare uzwi nka Rapid Support Forces (RSF), narwo rwavuze ko rwiteguriye gusubira mu biganiro. Naho biri uko, yaba abasirikare bari ku butegetsi, yaba abashaka kubujako, nta ruhande na rumwe rwigeze rukurikiza amasezerano y’amanama yabaye imbere, arimwo ahanini ayo gutanga agahengwe.

Hagati aho, ingwano ikaze irabandanya mu burere bwo mu Buraruko bw’umurwa mukuru wa Sudani, Khartoum. Abanyagihugu bavuze ko biriwe bumva ibisasu birimwo ivyarungitswe n’indege n’ibibombe.

Intambara y’impandde zibiri za gisirikare zirwanira ubutegetsi imaze guhitana ibihumbi n'ibihumbi, ituma abarenga imiriyoni 9 bata izabo. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG