Uko wahagera

Tanzaniya Yatahukanye Impunzi z'Abarundi Zirenga 1,000


Impunzi z'Abarundi
Impunzi z'Abarundi

Reta ya Tanzaniya kuri uyu wa gatatu yatahukanye impunzi z’Abarundi 1,078 bari bagishakisha ubuhungiro mu nkambi ya Nyarugusu.

Abo barimwo bamwe mu bari batuye mu nkambi ata byangombwa vy’impunzi bafise.

Ivyo bitigiri vyatanzwe n’umuyobozi mukuru w’ibiro vy’abimukira mu ntara ya Kigoma, Remigius Pesambili, nyuma y’ico gikorwa co gutahukana izo mpunzi.

Abenshi muri bo bajanywe mu ntara za Rutana, Cibitoke, na Cankuzo.

Bwana Pesambili yavuze ko ico gikorwa kiri mu migambi ya reta ya Tanzaniya yo gutahukana impunzi zose uyu mwaka.

Mu bitigiri dukura mu biro vy’abimukira mu ntara ya Kigoma, kuva mu mwaka w’2017 impunzi hafi 9,876 zidafise ibiziranga ziramaze gutahukanwa ku nguvu na reta ya Tanzaniya, naho benshi muri bo bongera kugaruka cyanke guhungira mu bindi bihugu bibanyi.

Umuyobozi mukuru w’inkambi ya Nyarugusu Barinabasi Sebastian, yagabishije impunzi zagiye ziraha ikaze incuti zabo zihunguka zikongera guhunga.

Naho biri uko, bamwe muri izo mpunzi bavuga ko umutekano wabo utarakemuka ari na yo mpamvu bahungutse, bongera barahunga mu gihe basanze umutekano wabo udakwiye.

Imigambi yo gutahukana impunzi zose zahunze umutekano muke mu gihugu c’Uburundi kuva mu mwaka w’2015 iriko irabandanya mu nkambi za Nduta na Nyarugusu.

Forum

XS
SM
MD
LG