Uko wahagera

Umugabwe ANC Uri Ku Butegetsi Muri Afrika y'Epfo Wizeye Itsinzi Mu Matora


Benshi batoreye mu mashule no mu bindi bibanza bitandukanye mu matora abonwa ko ariyo akomeye cane kurusha ayandi mu kiringo c’imyaka 30. 
Benshi batoreye mu mashule no mu bindi bibanza bitandukanye mu matora abonwa ko ariyo akomeye cane kurusha ayandi mu kiringo c’imyaka 30. 

Abanyafrika y'epfo biriwe mu matora rusangi mu gihe Prezida wa Afrika y'epfo, Cyril Ramaphosa avuga ko ata nkeka ko umugambwe wiwe ANC uzoyatsinda.

Benshi batoreye mu mashule no mu bindi bibanza bitandukanye mu matora abonwa ko ariyo akomeye cane kurusha ayandi mu kiringo c’imyaka 30.

Inyuma y’uko atoye Prezida wa Afrika y’epfo, Cyril Ramaphosa, yatangaje ko ata nkeka ko umugambwe wiwe, ANC uzotsinda n’amajwi menshi mu bizotuma uguma ku butegetsi.

Inyuma y’uko umugambwe ANC utsinze amatora rusangi incuro zitandatu wikwirikiranya, ivyatohojwe bitari bike vyerekanye ko urugero rw’abashigikiye uwo mugambwe ruri musi y’ibice 50 kw’ijana imbere y’amatora yabaye kuri uyu wa gatatu. Rukaba ari urugero ruri hasi cane mu bitari bwibonekeze imbere yaho.

Abitegereza ibintu n’ibindi bavuga ko umugambwe ANC ushobora kutaronka amajwi menshi mu nama nshingamateka na nkenguzamateka mu buzoba bubaye ubwa mbere mu myaka 30. Mu matora rusangi yaheruka kuba mu mwaka w’i 2019, umugambwe ANC wari waronse amajwi 57.5 kw’ijana, mu gihe wari waronse amajwi 70 kw’ijana mu matora yari yabaye haraheze imyaka 20.

Vyerekana ko icizere abanyagihugu bafitiye uwo mugambwe cagiye kiragabanuka uko imyaka yagiye iragenda.

Prezida Ramaphosa, afise imyaka 71, ayoboye umugambwe ANC, yemeye ko azokora kurushiriza ku nyungu z’Abanyafrika y’epfo.

Yatangaje ko umugambwe ANC wasavye abanyagihugu kuwuha umwanya kurushiriza kandi bakihangana.

Afrika y’epfo ihanganye muri iki gihe n’ibibazo bikomeye cane vy’ubutunzi, ubukene n’ubushomeri. Muri ino misi, ubushomeri mu gihugu buri ku rugero rw’ibice 32 kw’ijana. Ntivyitezwe ko ibizoba vyavuye mu matora yo kuri uyu wa gatatu, bizomenyekana imbere yo mu mpera z’iyi ndwi.

Forum

XS
SM
MD
LG