Uko wahagera

Papa Fransisiko Asaba Imbabazi kw'Ijambo Rityoza Abatinganyi Yakoresheje


Papa Fransisiko yifashe mu maso
Papa Fransisiko yifashe mu maso

Papa Fransisiko, kuri uyu wa kabiri, yasavye imbabazi mu buryo budasanzwe ku makuru avuga ko yakoresheje ijambo rityoza abakundana n'abo basangiye ibitsina.

Itangazo ryasohowe na Vatikano rivuga ko Papa Fransisiko atashaka gukoresha amajambo atyoza abakundana n’abo badasangiye ibitsina. Ivyo biro vyavuze ko yasavye imbabazi abumvise ko batyojwe n’ijambo yoba yarakoresheje, ryatangajwe mu binyamakuru.

Mu nama Papa Fransisiko yagiranye n’abasenyeri 250 mu ndwi irangiye, hari amakuru avuga ko yakoresheje ijambo rirtyoza abakundana n’abo basangiye ibitsina. Hari igihe yariko yerekana ko adashigikiye ko abakundana basangiye ibitsina baja mu mashule abategura kuba abapadiri, naho boba biyemeje kutarongora.

Ibinyamakuru bibiri vyo mu Butaliyano vyaratangaje inkuru ivuga ko Papa Fransisiko yakoresheje ijambo ry’Ikiromani rityoza abakundana n’abo basangiye ibitsina mu kuvuga ko abatari bake basanzwe bari mu maseminari.

Ivyo Papa Fransisiko yoba yaratangaje vyaravuzwe cane mu binyamakuru mu bice bitandukanye vyo kw’isi. Bikaba vyarashavuje abakudana n’abo basangiye ibitsina, hamwe n’Abakatolika bemera muri rusangi. Bamwe mu bagize ico bavuga ku vyoba vyaratangajwe na Papa Fransisiko basiguye ko atari azi ivyo yariko aravuga.

Ibiro vyiwe vy’i Vatikano ntivyemeje ko yakoresheje ijambo rityoza abakundana n’abo basangiye ibitsina. Ivyo biro vyatangaje ko nk’uko Papa Fransisiko yaronse akaryo ku kubivuga incuro zitari nke, muri Ekleziya Katolika hari ikibanza kuri bose kandi abantu bose bafise akamaro. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG