Uko wahagera

Sentare ya ONU Yategetse Isirayeri Guhagarika Ibitero Vyayo muri Gaza


Sentare mpuzamakungu ijejwe ubutungane, kuri uyu wa gatanu, yategetse Israyeri guhagarika bidatevye ibitero vyayo mu gisagara ca Gaza kiri mu bumanuko bw'intara ya Gaza. Yamara iyo sentare ntiyategetse ihagarikwa ry'ingwano muri iyo ntara.

Naho bidasa n’uko Israyeri izokwubahiriza iyo ngingo, bizokwongereza ukuremerwa kw’ico gihugu kiriko gitera gikumirwa n’amakungu. Naho ingingo ya sentare mpuzamakungu ijejwe ubutungane izotosekaza izina rya Israyeri mu makungu, nta bushobozi iyo sentare ifise bwo kwubahiriza ingingo zayo. Imbere yaho, Israyeri yari yatangaje ko izokwihoza ingingo ya sentare mpuzamakungu ijejwe ubutungane iyisaba guhagarika ibikorwa vyayo vya gisirikare mu ntara ya Gaza.

Umuvugizi wa Reta ya Israyeri, Avi Hyman, yatangaje ko ata gihugu canke urwego na rumwe kw’isi bishobora kubuza Israyeri gukingira abanyagihugu bayo no guhiga abarwanyi b’umurwi Hamas. Yabitangaje mu kiganiro yahaye

abamenyeshamakuru, ejo ku musi wa kane. Gatoyi inyuma y’uko sentare mpuzamakungu ijejwe ubutungane itangaje ingingo yayo kuri uyu wa gatanu, umushikiranganji wa mbere wa Israyeri, Benjamin Natanyahu yavuze ko agirisha inama idasanzwe y’abashikiranganji ba reta yiwe kugira bafate ingingo ku kugene bokwishura.

Yair Lapid, ayoboye abatavuga rumwe na reta yaneguye ingingo ya sentare mpuzamakungu ijejwe ubutungane. Yatangaje ko kuba iyo sentare ataco yavuze ku buryo bugaragara ko Israyeri yohagarika ibikorwa vyayo vya gisirikare hamwe abanyisrayeri umurwi Hamas wagize imbohe borekurwa, hamwe n’uko Israyeri ifise ub

Forum

XS
SM
MD
LG