Uko wahagera

Isirayeri Yagavye Ibitero vy'Indege n’Ubwato muri Gaza


Inteko za Israyeri zakoze ibitero mu ntara ya Gaza zikoresheje indege z’ingwano n’ubwato bw’ingwano mw’ijoro ryashiriye kuri uyu wa gatanu. Inkoho zasanye kandi mu bumanuko bw’intara ya Gaza.

Amakuru atangwa avuga ko abantu batari bake bahasize ubuzima, abandi barakomereka mu bitero bitandukanye vyakozwe mu bice abanyagihugu babamwo.

Mw’itangazo kuri uyu wa gatanu, igisirikare ca Israyeri catangaje ko inteko zaco zibandanya ibitero mu bibanza abo cita abakora iterabwoba bakoreramwo, mu gisagara ca Rafah.

Yavuze ko basambuye ibibanza bibikwamwo ibirwanisho, n’amayira yo mu kuzimu, abarwanyi b’umurwi Hamas bakoresha muri ico gisagara. Umuvugizi w’igisirikare ca Israyeri, Daniel Hagari, yatangaje ko gikora ibitero mu karere ka Rafah, kivyitondeye kugira abasivile ntibagwe mu mporero.

Amakuru yatanzwe n’Umunyapalestina aba mu karere ka Rafah, yavuze ko ibimodoka vy’ingwano vya Israyeri vyariko bitera vyegira imbere, biturutse mu buseruko, bigana mu bice vyo hagati muri ico gisagara.

Ni mu gihe vyari vyitezwe ko sentare mpuzamakungu ijejwe ubutungane ifata ingingo inyuma y’uko haterewe akamo ko Israyeli ihagarika ibitero vya girikare
kubera ibirego vyashikirijwe ko ico gihugu, kiriko ikora ihonyabwoko muri iyo ntara.

Mu ntango z’uku kwa gatanu, Israyeri yaratanguye ibitero mu gisagara ca Rafah, ari co ca nyuma mu ntara ya Gaza, inteko zirwanira ku butaka zinjiyemwo. Zinjiye muri ico gisagara naho amakungu yari yabigwanije.

Ivyo bitero vyatumye abanyagihugu barenga 800.000 bahunga ico gisagara nk’uko ibiharuro vyatanzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu bivyerekana ONU. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG