Uko wahagera

Barcelona Yirukanye Umumenyereza Mukuru Xavi Hernandez


Xavi Hernandez
Xavi Hernandez

Ekipe kirangiranwa y'umupira w'amaguru yo ku rwego rwa diviziyo ya mbere muri Espanye, Barcelona, kuri uyu wa gatanu, yirukanye umumenyereza mukuru wayo, Xavi Hernandez. Ni inyuma y'uko ata gikombe na kimwe iyo ekipe yashoboye gutsindira muri uyu mwaka w'umupira w'amaguru.

Xavi Hernandez yirukanywe mu mabanga yiwe y’umumenyereza mukuru wa ekipe ya Barcelona indwi nkeyi kuva we na preziza w’iyo ekipe, Joan Laporta bemeranije ko azoguma mu mabanga yiwe.

Xavi Hernandez azohagarikira urukino rwa nyuma rw’umurwi Barcelona ruzowuhuza n’umurwi Sevilla ku musi w’imana imbere y’uko asezera. Ekipe ya Barcelona, mw’itangazo, yavuze ko prezida wayo, Joan Laporta yabwiye Xavi Hernandez ko atazobandanya mu mabanga yiwe yo kuba umumenyereza mukuru mu kiringo c’umwaka w’umupira w’amaguru w’i 2024 ushira uw’i 2025.

Hansi Flick, yahoze ari umumenyereza mukuru wa Ekipe y’umupira w’amaguru ya Bayern de Munich wo mu Budagi n’umurwi nserukiragihugu w’ico gihugu ni we abonwa cane ko ashobora gusubirira Xavi Hernandez. Mu kwezi kwa mbere, Xavi Hernandez yatangaje ko azosezera inyuma y’uko uyu mwaka w’umupira

w’amaguru urangiye. Yamara inyuma y’uko ekipe ya Barcelona ivyifashemwo neza, mu kwezi kwa kane we na prezida w’iyo ekipe, Joan Laporta, bari bumvikanye ko azobandanya mu kiringo c’umwaka ukwirikira. Amasezerano yagiranye na ekipe ya Barcelona yari kurangira mu kwezi kwa gatandatu mu mwaka w’i 2025.

Yamara mu nyuma yaho, umuyobozi wa ekipe ya Barcelona, Joan Laporta yarashavujwe n’ivyo Xavi yatangaje ko ekipe yiwe idashobora guhiganwa n’amakipe y’ibihangange nka Real de Madrid ataronkejwe uburyo bukwiye bw’amafranga bwo kugura abakinyi bakomakomeye.

Itangazo rya ekipe ya Barcelona ryamenyesheje ko ishaka gushimira Xavi Hernandez ku gikorwa yaranguye c’umumenyereza mukuru, hamwe no kuba yabaye umukinyi kirangiranwa na kapitene wayo. Iryo tangazo rivuga ko ekipe ya Barcelona imwipfurije ibihe vyiza muri kazoza kiwe. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG