Kirue Joshua Cheruiyot, afise imyaka 40, yapfiriye hafi y’isonga ry’umusozi muremure kw’isi, Everest. Abajejwe gutabara batoye ikiziga ciwe mu gihe bimenyekaniye ko uwamwereka inzira, Nawang Sherpa, afise imyaka 44, yaburiwe irengero.
Ikinyamakuru candika ku vyerekeye umusozi wa Everest, The Everest Chronicles, catangaje ko ata makuru yerekeye abo bantu 2 yari azwi gushika mw’ijoro ryo ku musi wa kabiri.
Imbere y’aho, abategetsi bari batangaje ko abajejwe gutabara bari batoye ibiziga vy’abantu babiri. Yamara mu nyuma y’aho vyibonekeje ko atari amakuru y’ukuri. Khimlal Gautam, umukuru w’ibiro bijejwe gukwirikirana no kworohereza aburira umusozi muremure Everest, yavuze ko baronse amakuru avuga ko abajejwe gutabara batoye ikiziga c’umwurizi w’imisozi miremire w’Umunyakenya, mu gihe irengero ry’uwamwereka inzira ritazwi gushika ubu. Igikorwa co kumurondera kirabandanya.
Abajejwe gutabara batoye ikiziga ca Kirue Joshua Cheruiyot mw’ijoro ryo ku musi wa gatatu, hafi y’imetero 19 musi y’isonga ry’umusozi wa Everest, riri ku metero 8849. Inkuru yatangajwe n’ibiro bijejwe ingenzi mu gihugu ca Nepal. (AFRICANEWS)
Forum