Uko wahagera

Ukraine Yemanga Ko Yasambuye Drone 28 Kuri 29 z'Uburusiya


Amazu yasambuwe na drone z'Uburusiya
Amazu yasambuwe na drone z'Uburusiya

Ukraine, kuri uyu wa kabiri, yatangaje ko yasambuye drone 28 kuri 29 Uburusiya bwakoresheje mu bitero bwakoze mu ntara zitandukanye za Ukraine zirimo Kharkiv igeramiwe n'ibitero vy'Uburusiya mu ino misi.

Bulamatari w’intara ya Kharkiv, Oleh Syniehubov, yatangaje ko Uburusiya bwakoze ibitero vy’amabombe muri iyo ntara mw’ijoro ryashikiye kuri uyu wa kabiri.

Syniehubov, yavuze ko ibisigarira vya drone zasambutse vyononye inzu zitari nke bikomeretsa abantu batatu.

Ibitero Uburusiya bwakoze vyabaye inyuma y’uko Prezida Volodymyr Zelensky yasubiye gusaba ibihugu bicuditse guha igihugu ciwe ibirwanisho bujejwe gusambura indege, drone na misile hamwe n’indege nshasha z’ingwano.

Prezida Zelensky yatangaje ko ibihugu bitariko birihutira guha igihugu ciwe ibirwanisho gikeneye kugira civune umwansi. Yamara yavuze ko afise icizerere ko ibirwanisho ivyo bihugu vyemeye bizoshika vuba.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’Uburusiya, kuri uyu wa kabiri, bwatangaje ko ibikoho bijejwe gusambura indege, drone na misile vyabwo vyasambuye misile na drone 2 za Ukraine mu kirere hejuru y’intara ya Belgorod, hamwe n’iyindi drone mu kirere hejuru y’intara ya Kursk.

Vyacheslav Gladkov, bulamatari w’intara ya Belgorod, yavuze ko drone ya Ukraine yasambuye imodoka, ihitana umuntu umwe.

Forum

XS
SM
MD
LG