Igisirikare ca Nijeriya catangaje ko cabohoje abantu amajana n’amajana bari bagizwe imbohe n’abarwanyi ba Boko Haram mu kiringo cy’amezi menshi canke imyaka.
Ico gisirikare kivuga ko abo bantu bari bafatiwe mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu. Itororokanirozo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, rivuga ko abo bantu babohojwe ku mugoroba w’umusi w’Imana mu gace k’ishamba rya Sambisa, kandi ko bashikirijwe inzego z’igihugu.
Bamwe mu bakobwa bafise abana bato, bakekwa kuba babavyaye ku bagabo babarongoye ku nguvu nk’uko bisanzwe bikorwa ku bakobwa bagizwe imbohe n’abagwanyi.
Umurwi wa Boko Haram watanguye ibitero vyawo mu mwaka wa 2009 mu mugambi wo gushinga reta ishingiye ku mabwirizwa y’idini rya Islamu.
ONU ivuga ko igitigiri c’abantu bashika ku 35,000 bamaze kwicwa, abandi imiriyoni zibiri n’igice bamaze guteshwa ingo zabo kubera ubwicanyi bukorwa n’uyo murwi.
Forum