Uko wahagera

Abanyamerika 3 Mu Bagerageje Guhirika Ubutegetsi Muri Kongo


Abashinzwe umutekano mu gake ka Gombe muri Kongo
Abashinzwe umutekano mu gake ka Gombe muri Kongo

Ubutegetsi muri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo bwatangaje izina ry’Umunyamerika agira gatatu ari mu bagize uruhara mu kugerageza gutembagaza ubutegetsi bw’ico gihugu.

Ni mu gihe umuryango wa Christian Malanga yari arongoye uyo murwi washatse kugira kudeta, watanguye ibihe vyo kumugandarira.

Umuvugizi w’igisirikare ca Kongo Brigadiye Jenerali Sylvain Ekenge yabwiye itororokanirozo ry’amakuru ry’Abanyamerika, AP, ko Umunyamerika agira gatatu yagize uruhara mu gushaka gutembagaza ubutegetsi bwa Congo yitwa, Taylor Thomson.

Ntivyamenyekanye ako kanya nyene nimba Thomson yari ari mu bafashwe canke bishwe mu gitero co ku musi w’Imana cabereye ku rugo rw’umwe mu banyepolitike bakorana vya hafi n’umukuru w’Igihugu, Felix Tshisekedi.

Malanga, umwe mu Banyamerika Jenerali Ekenge avuga ko ari mu baguye muri ico gitero, yishwe igihe uyo murwi wateye wariko uratana mu mitwe n‘abasirikare ba Kongo. Hari inyuma y’aho yankiye gushira ibigwanisho hasi.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire n’amakungu bwa Reta zunze ubumwe za Amerika buremeza ko Malanga yari afise ubwenegihugu bwa Amerika. Abandi Banyamerika bagize uruhara muri ico gitero ni babiri. Bari basanzwe bazwi ko ari inkozi z’ikibi zidandaza ibiyayuramutwe hamwe n’umuhungu wa Malanga.

Abategetsi baracagerageza kumenya impamvu umusore akiri muto, yahora akina umupira mu mashure yisumbuye muri reta ya Utah, yagiye muri ico gikorwa co kugerageza gutembagaza ubutegetsi muri Kongo.

Forum

XS
SM
MD
LG