Irani, kuri uyu wa kabiri, iragirisha urugendo rw'umubabaro rwo gushingura Prezida Ebrahim Raisi n'abandi bategetsi bakomeye bahitanywe n'isanganya y'indege ya kajugujugu..
Urugendo rw’umubabaro ruza kuba, mu gitondo co kuri uyu wa kabiri, mu gisagara ca Tabriz kiri mu ntara ya Azeribayijani iri mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu. Mu mpera z’umusi, ibiziga vyabo bizojanwa n’indege mu gisagara ca Qom, kirimwo kimwe mu bibanza bihezagiye aho Raisi yize amashule. Mu nyuma y’ah,o ibiziga vyabo bizojanwa ku murwa mukuru wa Irani, Teherani, aho bitegekanijwe ko umuyobozi kizigenza wa Irani, Ayatollah Ali Khamenei, azoyobora ibisabisho vyo mu basabira.
Ku musi wa kane, Ebrahim Raisi azojanwa mu gisagara ciwe c’amavuko ca Mashhad aho azoshingurwa mu kibanza gihezagiye citwa Imam Reza. Raisi, ni umuprezida agira uw’umunani wa Irani kuva habaye revolisiyo ya kiyislamu yo mu mwaka w’i 1979. Inyuma y’igikorwa co kurondera prezida Ebrahim Raisi n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire, Amir-Abdollahian, n’abandi bategetsi bakomeye ba reta cabaye mw’ijoro ryo ku musi w’Imana urangiye, vyatangajwe ko bose bitavye Imana, mu gitondo co kuri uyu wa mbere. Hisunzwe ibwirizwa shingiro rya Irani, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Mohammad Mokhber ni we azorangura amabanga ya prezida mu kurindira amatora azoba mu kiringo c’imisi 50.
Forum