Uko wahagera

Zuma Yahoze ari Prezida wa Afurika y'Epfo Ntiyemerewe Kwitoza


Sentare nkuru muri Afrika y’Epfo, kuri uno musi wa mbere, yaciye urubanza ruvuga ko Jacob Zuma yahoze ari umukuru w’igihugu, atemerewe kwitoza mu matora yimirije muri ico gihugu, kubera ivyaha vyamwagiye.

Iyo sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro yavuze ko igice c’amategeko agenga ibwirizwa shingiro kitemerera Zuma afise imyaka 82, kwitoza kubera yafatiwe igihano c’umunyororo w’ikiringo c’amezi cumi n’abiri.

Mu mwaka w’2021 n ho, Sentare yo mu gihugu ca Afrika y’Epho yaraciriye Zuma urubanza rwo gupfungwa amezi 15 ku caha co kwanka kwitaba ubutungane ku vyaha vya ruswa yagirijwe.

Iyo ngingo yimye Zuma uburenganzira bwo kwitoza ku musi wa gatatu w’indwi iza ifashwe kubera ata burenganzira yari afise bwo kwunguruza urubanza yaciriwe rwo kuja mu munyororo.

Jacob Zuma yahoze ari umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo hagati y’umwaka w’ 2009 n’umwaka w’2018. Yamara, yahavuye atanga imihoho bivuye kuri ivyo vyaha vya ruswa. Yagarutse muri politike mu mwaka uheze inyuma y’aho atanguje umugambwe mushasha yise uMkhonto weSizwe, unegura bikomeye umugambwe ANC uri ku butegetsi. Twokwibutsa ko Zuma yigeze kuyobora umugambwe ANC.

Abatari bake babona ko iyo ngingo ishobora gutuma haba icuka kibi muri ico gihugu gisanzwe kiri mu bihe bikomeye vy’amatora.

Forum

XS
SM
MD
LG