Uko wahagera

Umushikirangaji wa Mbere wa Senegali Yagirije Ubufaransa Ibitandukanye


Umushikiranganji wa mbere wa Senegali, Ousmane Sonko.
Umushikiranganji wa mbere wa Senegali, Ousmane Sonko.

Umushikiranganji wa mbere wa Senegali, Ousmane Sonko, yagirije Ubufaransa ico yise "Ukuvogera ubwigenge bw'igihugu ciwe mu bihe bitandukanye." Ousmane Sonko yabivugiye kuri kaminuza y’I Dakar ku murwa mukuru wa Senegali, mu nama ku migenderanire y’Ubufaransa na Afurika.

Muri iyo nama yitabiriwe n’abanyeshure baharurwa mu majana, hamwe n’umunyepolitike Jean-Luc Mélenchon atavuga rumwe na reta y’Ubufaransa, Ousmane Sonko, yanebaguye atarya umunwa ingene ibihugu vy’I Buraya cane cane Ubufaransa vyakoranye na Macky Salll aheruka kuva ku butegetsi.

Sonko yagirije Macron kuba yaragize uruhara mu co yise itotezwa Sonko n’abo bari basangiye urugamba bakorewe agira ati: “ Nta munsi wa rimwe mwigeze mwumva reta y’Ubufaransa yiyamiriza ivyabaye. Prezida Macron yarakiriye Macky sall, aranamukeza ku bikorwa vyiwe. Ibi vyose yabikoze azi neza ko turiko turahohoterwa. Ndabifata nko gutera intege ihohoterwa no kubangamira abanyagihugu ba Senegali. Amareta menshi y’I Buraya yagumye mu gacerere kerekana ko bari bashigikiye ivyariko biraba.”

Ousmane Sonko yavuze ko mu bindi abantu bakwiye kwibaza ku Bufaransa harimwo " Igituma Ubufaransa bugifise amakambi ya gisirikare mu bihugu bimwe bimwe vya Afurika, ingaruka izo nteko zigira ku bwigenge bw’ibihugu ziba zirimwo, n’ibindi.”

Umushikiranganji wa mbere Ousmane yanagirije muri rusangi ibihugu vy’I Buraya gukoresha ka mwana wa mama muri politike yabwo mu karere ka Sahel cane cane muri Mali, Burkina Faso na Nijeri, ibihugu biheruka kubamwo za kudeta agira ati: “
Abo mwumva batera ivyatsi ibihugu biri mu ntwaro ya gisirikare bifatwa nk’ibitwaza umukazo, ni nabo basubira mu bihugu bitarangwamwo demokarasi, igihe cose bakeneye inyingu zabo, kugira bironkere za peterori. Ibi, si ivyo kwihanganira. Ibihano vyafatiwe bagenzi bacu bo muri Sahel, ni akarenganyo. Ntituzohesha kuvugira benewacu bo muri Sahel.”

Ijambo rya Ousmane Sonko, ni ryo rya mbere rirerire kandi ririmwo politike avugiye ku mugaragarao nkuva aja ku butegetsi. Abaryumvirije, baja baracishamwo bakoma amashi.

Ousmane Sonko, yatomoye ko amajambo yavuze, atayavuze kw’izina rya reta ya Senegali, ahubwo ayavuze kw’izina ry’umugambwe wiwe. Sonko yemeza ko yamaze imyaka iatatu anyinyurana n’ubutegetsi bwa Macky Sall, yavuze ko afise ishaka ry’uko imigenderanire hagati y’igihugu ciwe n’ibihugu vya Buraya cane cane Ubufaransa inaguka, ariko ikanagukana ukwubahana no kubahiriza ubwigenge bw’ipande zose.
Yashimiye Jean-Luc Mélenchon atavuga rumwe n’ubuetegetsi bw’Ubufaransa avuga ko yashigikiye urugamba rwabo rwo kuva mu 2021 gushika mu 2024. Iki kiringo, Sonko yacise “imyaka itatu yamaze ahanganye n’ubutegetsi bwa Macky Sall”.

Forum

XS
SM
MD
LG