Uko wahagera

Ubufaransa Bwishe Burashe Umugabo Yashaka Guturira Isengero y'Abayudi


Igipolisi co mu Bufaransa catangaje ko cishe kirashe umugabo yari afise umugambi wo guturira isengero y’Abayahudi iri mu buraruko bw'igisagara ca Rouen.

Itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, dukesha ino nkuru ryatangaje ko umugabo igipolisi c’Ubufaransa cishe yari yitwaje ibirwanisho, birimwo imbugita n’icuma.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu Bufaransa, Gerald Darmanin, mu butumwa yanditse ku rubuga rwiwe rwa X, yagize ati: “Nta nkeka, yari agiye guturira isengero y’Abayahudi yo mu gisagara ca Rouen”

Abapolisi barashe uwo mugabo, igihe yariko yegera abari baje kumuhagarika. Ntiyasamvye, yaciye apfa ubwo nyene nk’uko AFP ibandanya kubitangaza.

Umukuru w’igisagara ca Rouen, Nicolas Mayer-Rossignol, na we yavuze ko ivyabaye bitagize ingaruka ku Bayahudi gusa, ahubwo vyagize ingaruka ku baba muri ico gisagara bose. Yasiguye ko ata wundi yasize ubuzima muri urwo ruhagarara, canke ngo hagire ikindi kihononekarira.

Amatohoza yaciye atangura. Itohoza rya mbere riraba icatumye uwo mugabo yashaka guturira iryo sengero ry’Abayahudi; mu gihe irya kabiri, ririko rigerageza kumenya imyidondoro yuzuye y’umugabo yarashwe

Ubufaransa ni ubwa gatatu mu bihugu bibamwo Abayahudi benshi, inyuma ya Isirayeri na Amerika. Ico gihugu kirimwo kandi abayisilamu benshi cane.

Kuva intambara hagati ya Hamas na Isirayeri yaduka, hari icuka kitari ciza hagati y’abashigikiye Palesitina n‘abashigikiye Isirayeri. (AFP).

Forum

XS
SM
MD
LG