Uko wahagera

Tanzaniya: Ibitigiri vy'Abana Bapfa Batarakwiza Imyaka 5 Ibandaya Yiyongera Mu Nkambi z'Abarundi


Ibitigiri vy’abana bari munsi y’ imyaka itanu bapfa ku mvo yo kubura ubuvuzi bukwiye vyariyongereye cyane mu kiringo cy’ imyaka ibiri ishize mu nkambi ya Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya.

Ivyo bitigiri vyashikirijwe na Sudi Mwakibasi, umuyobozi ashinzwe impunzi muri minisiteri y’ubutegetsi bw’ igihugu mu nama yahuje reta ya Tanzaniya, amashirahamwe afasha impunzi n’impunzi z’Abarundi yabereye hagati mu nkambi ya Nyarugusu kuri uyu wa kane.

Bwana Mwakibasi yemeza ko amatohoza aheruka gukorwa n’igisata c’ubuvuzi mu nkambi ya Nyarugusu yerekanye ko abana barenga gato 108 bari munsi y’imyaka itanu bicwa n’indwara zitandukanye harimwo malariya buri mwaka.

Hashingiwe kuri ubwo bushakashatsi, ivyo biterwa ahanini n’ubukene bw’ imiti mu mavuriro, abaganga bake no kuburua infashanyo z’imisegetera mu miryango.

Mu gihe ibitigiri vy’abana bapfa bitera vyiyongera buri mwaka mu nkambi za Nduta na Nyarugusu Mwakibasi yumvikanisha ko reta ya Tanzaniya ata migambi ifise yo gukemura ico kibazo.

Gusa umwe mu mpunzi z’Abarundi yitabiriye iyo nama asanga ata kuntu Tanzaniya izoja imbere y’amakungu yishimira ko yafashije impunzi z’Abarundi mu gihe biboneka ko iriko irahonyanga agateka ka zina muntu no kudatanga infashanyo zikwiye bituma abana bariko barapfa ku bwinshi.

Mu bitigiri dukura mw’ishirahamwe Croix Rouge rijejwe ubuvuzi mu nkambi ya Nyarugusu, abana hafi 389 baravuka buri mwaka.

Forum

XS
SM
MD
LG