Uko wahagera

Uburaya Bwagiriza Imbuga Za Facebook Na Instagram Kudakingira Abana


Umuryango w’Ubumwe bwa Buraya wuguruye amatohoza ku mikorere y’imbuga ngurukanabumenyi za Facebook na Instagram zegukira Sosiyete Meta.

Bikekwa ko Facebook na Instagram mu buhinga zikoresha, harimwo ubutuma abana bato batwarwa cane n’izo mbuga, ku buryo zicika nk’ibiyovyabwenge kuri bo.

Ibindi izi mbuga zagirizwa ni uko rimwe na rimwe zidashobora kunyegeza amakuru abana batemerewe kubona.

Mw’itangazo yasohoye, Komiseri w’Ubumwe bwa Buraya, Thierry Breton, yagize ati: “Dufise amakenga menshi ko Meta ata nguvu yashize mu gukingira imibereho myiza y’abana, cane cane amagara yo mu mutwe.”

Bugize ubwa gatandatu ikigo ca Meta gikorwako amatohoza ashusha nkaya.

Ikigo nyamerika Meta catangaje ko gifise ishaka ryo gukingira abana kugira amakuru bakura kuri Facebook na Instagram abe ahwanye n’imyaka bafise, umwanya bazimarako nawo ububake ha kubasambura.

Sosiyete ya Meta ihumuriza ivuga ko yiteguriye gutaga amakuru yose ubumwe bwa Buraya bukeneye mu matohoza yawo, yongera ivuga ko imaze imyaka cumi ishiraho ubuhinga burenga 50 bwo gukingira abana.

Forum

XS
SM
MD
LG