Ibihugu vya Bulaya vyaraye bitoye itegeko rigabanya abimukira birukira muri ivyo bihugu. N’aho bimwe muri ivyo vyifuza gufata ingingo ruhasha zikaze. Abaharanira agateka ka zina muntu bariyamiriza ayo masezerano.
Ni itegeko ryemwejwe mu gihe hasigaye ukwezi kumwe ngo habe amatora mu bihugu bitari bike vya Bulaya. Ndetse, abahabwa amahirwe yo gutorwa ni abaterekwa abimukira.
Abaserukira ivyo bihugu mu nama nkuru y’Ubumwe bwa Bulaya batoye iryo tegeko ryari rimaze imyaka riteye impari.
Ayo mategeko ashiraho uburyo bworoshe bwo guhitamwo abimukira bashobora kuronka ubuhungiro n’abandi bategerezwa gusubizwa mu bihugu baturukamwo.
Ibi vyose bikazobera ku mipaka y’ibihugu bigize Ubumwe bwa Bulaya. Ayo mategeko azotuma kandi ibihugu vyose uko ari 27 bifashanya kwakira abo bimukira bazoba bagize amahirwe yo kwemererwa.
Ni amasezerano yatanguye guharirirwako mu mwaka w’2020 kubera umurengera w’abimukira binjiye I Bulaya mu mwaka w’2015. Iruhande y’ayo masezerano, Ubulaya burabandanya kwumvikana n’ibihugu bitari bike vya Afrika bikunze guha inzira abimukira nka Tuniziya, Moritaniya, Senegali na Misiri kugira iyo nzira izibirwe.
Inzira ya Mediterani imaze guhitana benshi
Iyo nzira y’ibahari ikunze kurwamwo abatari bake nkuko umunya Senegali, yaharokotse, akahaburira incuti n’abagenzi bariko bashaka gushika muri Espagne yabiganiye Ijwi ry'Amerika.
Aho hariku nkengera ya Atlantike muri Senegali aho we na bagenzi badashika 20 barokokeye.
"Twari dufise icizere co kubaho neza tukaronka n’akazi keza kugira mfashe umuryango wanje n’abana banje. Twese ni vyo twagenda turayaga mu bwato butoya burimwo hafi abantu 100. Tugeze hagati muri Atlantike, umukuba w’amazi waraduteye, dushonje, turabura iyo tuja n’iyo tuja, umwe wese atangura kwibako. Abenshi barahasize ubuzima harimwo n’umugenzi wanje twakuranye. Abaturokoye basanze twese twaravye hasigaye umwanya muto ngo tuhasige ubuzima."
Ibuhugu vya Bulaya n’aho vyakiriye impunzi ziva muri Ukraine zirenga imiliyoni 4, ubu bivuga ko vyarengewe n’abandi barenga umuliyoni binjiye mu mwaka uheze gusaba ubuhungiro. Igisata kijejwe kwakira impunzi kivuga ko abenshi muri abo ari abatagira ivyangombwa.
Aya masezerano avuga ko bose bazokwakirirwa mu makambi ku mipaka aho binjiriye, abadahawe ubuhungiro basubizwe inyuma mu kiringo c’amezi atandatu.
Ibihugu vyose vya Bulaya bitegerezwa gushira mu ngiro ayo masezerano yemejwe, mugihe atazoba arahinduka. Arategekanya n’ibihano ku gihugu kizoyafatwa minenerwe.
Ibihugu bikunze gushikiramwo abimukira benshi vyovyo vyifuza amasezerano akarishe azibira izo mpunzi. Ivyo ni nk’Ubutaliyano, Ubugiriki na Espanye. Ubutaliyano bwaramaze kwumvikana na Albaniya kiri mu nzira yo kwinjira mu muryango w’ibihugu vya Bulaya kugira kizokwakire abimukira bafashwe bariko barinjira mu Butaliyano, mu kurindira ko baronka canke babura ubuhungiro.
Ibihugu nka Danemarke, Republika ya Tcheke n’ibindi navyo biriko biritegurira gusaba ko abimukira birukanwa bagajanwa hanze ya Bulaya.
Amasezerano y'Ubwongereza n'u Rwanda
Ibindi navyo vyifuza kugira nk’Ubwongereza buri mu nzira yo kurungika abimukira mu Rwanda kurindirirayo.
Aha, u Rwanda ni ho rwafatiye mu kwerekana ko rufise inyishu y’ico kibazo c’abimukira.
Inyuma y’impari mu masentare y’Ubwongereza, u Rwanda rwavuze ko rwiteguye kwakira abazorungikwa bavuye mu Bwongereza. Ndetse, aba mbere bakazorungikwa mu kwezi kw’7 atagihindutse.
Icegera c’umuvugizi wa reta y’u Rwanda, Alain Mukularinda mu ndwi zibiri ziheze yabwiye abamenyeshamakuru I Kigali ko imyiteguro yo kubakira yaheze.
N’aho biri uko, amasezerano yasinywe kuri uyu wa kabiri n’ibihugu vya Bulaya yoyo ntashima iyo ngendo y’Ubwongereza kuko abimukira bazorungikwa mu Rwanda atari bo bavyisabiye kandi ata n’incuti bafise mu Rwanda.
Yamara, ayo masezerano ariyamirizwa n’abaharanira agateka ka zina muntu hamwe n’imigambwe ikingira ibidukikije.
Abo barimwo HCR, igisata ca ONU citaho impunzi, bavuga ko ayo masezerano yaba yaraye ateweko umukono canke ay’Ubwongereza n’u Rwanda, yose abangamira uburenganzira bwa muntu. Basigura ko ari amasezerano ahonyanga uburenganzira bw’abana n’abageze mu za bukuru hamwe no gufata impunzi nk’abagizi ba nabi kandi atarivyo.
Forum