Uko wahagera

ONU Ibabajwe n'Ibitero Vya Isirayeri Bitera Vyiyongera Mu Gisagara Ca Rafa


Abanyapalestina bagera ku 450,000 bavanywe ku nguvu mu vyabo
Abanyapalestina bagera ku 450,000 bavanywe ku nguvu mu vyabo

Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, yatangaje ko ababajwe bikomeye n'ibitero bitera vyiyongera vy'igisirikare ca Israyeri mu gisagara ca Rafah kiri mu bumanuko bw'intara ya Gaza no mu micungararo yaco.

Abanyapalestina bagera ku 450,000 bavanywe ku nguvu mu vyabo mu karere ka Rafah mu ndwi irangiye. Antonio Guterres yatangaje ko ibiriko biraba muri ako karere bigeramira kurushiriza ibikorwa vyo kuhashikana imfashanyo, kandi biriko vyunyura ibintu vyari bisanzwe bimeze nabi cane.

Yatangaje ko muri ico gihe umurwi Hamas urasa za rokete udatora, abasivile bategerezwa kwubahirizwa no gukingirwa igihe cose aho ari ho hose mu ntara ya Gaza.

Farhan Haq, icegera c’umuvugizi w’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU, yatangaje ko ata gice na kimwe kirimwo umutekano mu ntara ya Gaza.

Yavuze ko umunyamabanga mukuru Antonio Guterres, yasubiye gusaba ko haba agahengwe bidatevye kugira birekurire imfashanyo gushikira Abanyapalestina mu ntara ya Gaza, vyongere bitume abantu bose bagizwe imbohe barekurwa.

Farhan Haq yatangaje ko Guterres yasavye ko ikibanza imfashanyo zinjiriramwo mu karere ka Rafah gisubira kwugururwa bidatevye, kandi imfashanyo zigashikira abanyagihugu bo muri ko karere ata ntambamyi.

Farhan Haq yatangaje ko abavuye mu vyabo bariko bashika mu bibanza bitagira uburaro, utuzu twa surwumwe n’amazi meza. Yavuze ko nk’uko babigize akatari gake basavye impande zompi kwubahiriza amategeko mpuzamakungu akingira abanyagihugu igihe icari co cose.

Mu kiringo c’indwi irangiye, igisirikare ca Israyeri carongereje ibitero vy’amabombe n’ibindi bikorwa vya gisirikare mu karere ka Rafah. Ni mu gihe categetse abanyagihugu bahaba kuva mu bice bimwe bimwe vy’ako karere.

Forum

XS
SM
MD
LG