Uko wahagera

Prezida Zelensky Asaba Uburaya n'Amerika Kongera Inkunga y'Ibigwanisho


Nyuma y'ibitero vya Kharkiv
Nyuma y'ibitero vya Kharkiv

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, kuri uyu wa kabiri yasavye ibihugu vyo mu burengero bw'isi bishigikiye igihugu ciwe kugiha ibigwanisho mu buryo bwihuta.

Prezida Zelensky yasavye ashimitse ibihugu vyo mu burengero bw’isi bishigikiye igihugu, kugiha mu buryo bwihuta, ibirwanisho n’ibikoho birasa indege z’ingwano, drone na za misile.

Ni mu gihe Uburusiya bwakoze ibitero bishasha mu buraruko bushira ubuseruko bwa Ukraine. Zelensky yabitangaje mw’ijambo yashikirije ari kumwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderansire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerikaa, Antony Blinken, ku murwa mukuru wa Ukraine, Kiev.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Antony Blinken yatangaje ko prezida w’Uburusiya ategerezwa kuriha amafaranga agenewe gusubira kwubaka ivyo bwasambuye. Yavuze ko ari vyo amategeko mapuzamakungu ategekanya, kandi ko ari vyo abanyagihugu ba Ukraine bakwiriye.

Mw’ijambo yashikirije ari ku murwa mukuru wa Ukraine, Kiev, Blinken yavuze ko reta ya Amerika ifise ububasha bwo gufata amatungo y’Uburusiya ari ku butaka bwa Amerika, ikayakoresha mu ntumbero yo gufasha gusubira kwubaka Ukraine.

Imbere y’aho Antony Blinken yari yabwiye prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, ko imfashanyo y’igirisikare iri mu nzira, igana igihugu ciwe. Blinken yongeyeko ko Kongre ya Amerika yatanze uburyo bwo gufata amatungo y’Uburusiya ari ku butaka bwa Amerika.

Forum

XS
SM
MD
LG