Uko wahagera

Uburundi Bwafashe Ingingo yo Kuguma Bupfunze Umemenyeshamakuru Muhoza


SANDRA MUHOZA
SANDRA MUHOZA

Ubutungane bw’Uburundi bwafashe ingingo yo kugumiza mu munyororo umumenyeshamakuru Sandra Muhoza amaze ukwezi afunzwe. We n’abashingwamanza biwe bari basavye ko yorekurwa, akaburana yidegemvya canke agatanga ingwati.

Uwo mumenyeshamakuru yagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu no kubiba urwanko rufatiye ku macakubiri. Abashingwamanza biwe babwiye Ijwi ry'Amerika ko bagiye kwunguruza urubanza.

Sandra Muhoza, umukenyezi w'abana batatu, akorera ikinyamakuru candika “La Nova Burundi” mu ntara z’uburaruko bw’Uburundi yari yaburanye mu mpera z’indwi iheze.

Ingingo y’iyo sentare idatanga insiguro nyinshi, ivuga ko ivyo umuburanyi Sandra Muhoza yasavye, ata nshingiro bifise kuko, ku bw’abacamanza, ivyaha uwo mumenyeshakuru akurikiranyweko bikomeye kandi bihanishwa igihano kinini gushika ku gufungwa ubuzima bw’iwe bwose.

Ivyo ni ivyaha birimwo “guhungabanya umutekano w’igihugu, gucanishamwo abantu, no gukwiragiza urwanko rufatiye ku bwoko". Ni ivyaha ubutungane buvuga ko uwo mukenyezi yakoreye mu ruhame ku rubuga ngurukanabumenyi rwa WhatsApp ruhuza abamenyeshamakuru n’inzego za reta, “Burundi Médias”.

Iyi ngingo yakiriwe nabi n’umunyamategeko Prosper Niyoyankana, aburanira umumenyeshamakuru Sandra Muhoza. Yabwiye Ijwi ry'Amerika ko bagiye kwunguruza urubanza kugira iyo ngingo ifutwe imbere y’uko urubanza ruburanishwa mw’ido n’ido. Kuri we, Ubutungane bw’Uburundi ni bwo bucafuza isura y’igihugu mu makungu kurusha abandi bose.

Umumemenyeshamakuru Muhoza yamenyekanye aho apfungiwe, inyuma y’iminsi itanu anyururijwe I Ngozi n’abantu batamenyekanye. Imbere y’uko atwarwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba, aho apfungiwe muri iki gihe, yabanje kuburanira mu mpisho muri Parike ya Bujumbura, akuwe mu biro vy’iperereza. Umushingwamanza wiwe agatangazwa n’ingene uwo aburanira, ataburanishirijwe aho yakoreye icaha mu buraruko bw’igihugu.

Komite mpuzamakungu ikingira abamenyeshamakuru, CPJ, ibona ko iryo pfungwa ari nk’igitero ku mwuga wo kumenyeshamakuru mu Burundi, ndetse rigatuma abamenyeshamakuru bakora mu bwoba budasanzwe.

Muthoki Mumo, atwara igisa ca Afrika yo munsi ya Sahara muri CPJ, yaganiriye n’Ijwi rya Amerika, ari I Nairobi muri Kenya, aho yagize ati:" Iri nyuruzwa rya Sandra Muhoza ririmwo ihohoterwa mu buryo bwinshi n’bibazo vyinshi: Yakoze ikihe caha? Yarenze ayahe mategeko? Bafise ibihe ivyemezo? Yategerezwa guhabwa uwumwunganira, akabonana n’umuryango wiwe bitagoranye. Ivyo ni iterabwoba ririko rikorerwa abamenyeshamakuru bakorera mu bwoba mu Burundi. Ni nk’aho reta ibabwiye iti: Na mwe mushobora kunyuruzwa umuryango ntumenye iyo muri,
mushoboa gufatwa umwanya n’umywana kandi uburenganzira bwanyu bugahonyangwa.

Abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi bobo bibaza ingene umumenyeshamakuru ashobora kwegekwako ivyaha bihanishwa igihano nk’ic’abakora iterabwoba kw’isi.

Kw’Ijwi ry'Amerika, umunyamategeko Janvier Bigirimana, atwara umuhari mpuzamakungu « Tournons La Page » asigura ko ari ihonyangwa rikabije ry’uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro.

Amashirahamwe mpuzamakungu akingira uburenganzira bw’abamenyeshmakuru harimwo na RSF asaba irekurwa ry’uwo mumenyeshamakuru. Yibutsa ko yasanzeyo uwundi mukenyezi mugenzi we Floriane Irangabiye. Uyo wewe amaze umwaka urenga afunzwe, yakatiwe imyaka 10. Bahuriye ku caha co “gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu”

Gyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Pierre Claver Niyonkuru.

Uburundi Bwafashe Ingingo yo Kuguma Bupfunze Umemenyeshamakuru Muhoza
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:19 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG