Uko wahagera

Burundi: Ikibazo c'Igitoro Gihanze Abanyeshure n'Abigisha


Bamwe mu banyagihugu bari barindiriye imodoka zibunguruza.
Bamwe mu banyagihugu bari barindiriye imodoka zibunguruza.

Urunani rw’amashirahamwe aharanira indero y’akanovera kuri bose mu Burundi “Bafashe Bige” aratabariza abanyeshure n’abigisha muri rusangi muri kino gihe kwiyunguruza no gushika ku mashure bibagoye cane kubera ikibazo c’igitoro gisigaye cimonogoje mu Burundi.

Mu kiganiro cihariye abarongoye uwo runani bahaye Ijwi ry’Amerika, bavuga ko ico kibazo gishobora gukora mu nkokora igabanuka ry’ubumenyi mu mashure.

Gashirahamwe Cassien, icegera c’uwurongoye urwo runani “Bafashe Bige” avuga ko ico kibazo babona ko cafashe iyindi ntera na cane cane ku mwana w’umunyeshure adafise ayandi mikoro.

Ikindi ayo mashirahamwe ashingira ko avuga ko kubura uko abanyeshure biyunguruza vyafashe iyindi ntera, Gashirahamwe avuga ko ari igitigiri c’abana baja kw’ishure babona mu mabarabara bariko bagenda n’amaguru ,aho bashika kwishure barushe cane ku buryo n’iyo bashitse mw’ishure batabasha gukurikirana ivyirwa neza.

Si abanyeshure gusa bafise ico kibazo nkuko babibwiye ijwi ry’Amerika. Banavuga ko n’abarimu bava kure nabo bafise ico kibazo aho usanga umwigisha nawe yashitse kw’ishure yacerewe.

Kuri ivyo bibazo vyose, abakunzi b’Ijwi ry’Amerika bazindukiye ku gituro c’ama bisi giherereye mu Ruziba iri muri komine ya Muha iri mu ntara ya Bujumbura ,aho bavyiboneye ko atari agaseseshwarumuri.

Hari mu gitondo ca kare hatonze abantu batandukanye barimwo n’abanyeshure bari bamaze kwihebura ko batari buronke imodoka. Benshi muri bo bari bamaze gucerwa, kuko hari abinjira guhera isaha 12 n’igice gushika isaha imwe n’igice za mugitondo kandi bamwe baja mu bice bitandukanye bigize igisagara. Aho harimwo abana biga mu mwaka w’icenda, muw’icumi na rimwe no muw’icumi na kabiri.

Mu bo abakunzi b’Ijwi ry’Amerika babonye, hari abari bagiye kwiga mu Buterere bavuye ngaho mu Ruziba n’ukuvuga ko barengana komine zibiri ari zo Muha na Mukaza kugira bashike kw’ishure, bisigura ko bafata bus zibiri, imwe imugeza muri centre ville akarondera iyindi imujana mu Buterere

Baba abaja mu gisagara canke abaharenga bavuga ko hari igihe basubira inyuma kuko bitashoboka ko bagenda n’amaguru ku birometero birenga hafi 20. Abandi baba bagiye kwiga mu kanyosha hari abahitamwo kugenda n’amaguru bavuye ngaho mu ruziba ariko bakavuga ko naho ari kure cane bashika barushe cane.

Ikindi basigura ni ko bafise ubwoba ko bashobora kuyoberwa kuko n’iyo bacerewe batabasubiriramwo uretse kw’imura ivyirwa kuri bagenzi babo bahashitse kare.

Abo bana b’abanyeshure nabo basaba ko bokoroherezwa iyo hageze kwinjizwa mu ma bisi aba abonetse nkuko vyakorwa kera, kuko banigana n’abandi ugasanga barasigaye, bikanabaviramwo gusiba ishure.

Hari n’abarezi batashimye ko amajwi yabo yumvikana kuri micro z’abakunzi b'Ijwi ry’Amerika. Na bo mugabo bemeza ko muri kino gihe kwiyunguruza bigoye na cane cane ku banyeshure bishobora gutuma umwimbu ugabanuka. Abo bigisha basigura ko hari aho bakoresha ibibazo ku vyo abana batabashije gukurikirana bakabona ko hari icahindutse nabo bakavuga ko bibateye impungenge.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Thierryve Ndayishimiye.

Burundi: Kwiyunguruza ku Banyeshure ni ikibazo kiremereye
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:12 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG